Uko wahagera

OAG Irasaba Perezida Nkurunziza Kutarekura by'Agateganyo Imfungwa Za Poritiki


Mu ikete umukuru w’ikigo OAG, umwigisha Christophe Sebundandandi, yandikiye umukuru w'Uburundi Petero Nkurunziza, avuga yuko mubafungwa ba politique 673 barekuwe n’itegeko ry’umushikiranganji w’ubutungane ryo kw’igenekerezo rya 9 Nzero, harimwo abagirizwa amakosa ahambaye yerekeye ubwicanyi .

Ikigo OAG candika yuko ingingo yo kurekura ivy’agateganyo abo banyororo biteye kubiri n’ijambo umukuru w’igihugu yashikirije Abarundi muntango z’uno mwaka aho yamenyesha yuko abagirizwa ubwicanyi n’abafashe abakenyezi kunguvu batazorekurwa.

Nkuko vyanditse muri iryo kete OAG ishikirije umukuru w’Uburundi, kurekura abo banyororo ivyo agateganyo bizogira ingaruka mbi k’ubutungane bw’igihugu, be no muvyerekeye kunywanisha Abarundi. Vyongeye, Uburundi bushobora kuja kubiri y’amategeko mpuzamakungu, kuko buriko burekura abantu bagirizwa ivyaha bikomakomeye nk’ubwicanyi ataho vyakabonetse yuko abantu nkabo barekurwa.

Ico kigo OAG kirasaba umukuru w’uburundi kubandanya ahindura ibintu kugira Uburundi busubire kugira iteka, gushinga vuba wa murwi uzoba ujejwe kumenyekanisha ukuri no kurekuriranira be no kunywanisha abarundi. Muri iyo ntumbero, abantu bose bagirizwa ivyaha bazomenyekana cane cane ababatumye. Ikigo OAG gisaba kandi umukuru w’Uburundi Petero Nkurunziza gusubiramwo iyo ngingo y’umushikiranganji w’ubutungane irekura ivy’agateganyo abanyororo leta yise abanyapolitique.

Tubibutse yuko abanyapolitique bose biyamirije iyongingo yokurekura ivyo agateganyo abanyororo leta yise abanyapolitique , kiretse umugambwe Cndd-fdd uri k’ubutegetsi,n’Umugambwe Sahwanya frodebu wa Léonce Ngendakumana.

Iryo kete OAG yaryanditse kuri uyu wa 23 Nzero umwaka wa 2006.
XS
SM
MD
LG