Uko wahagera

Ingingo ya 1325 ya ONU Irashobora Gukoreshwa mu Kurwanira Agateka k’Umukenyezi mu Bihe vy’Ingwano.


Ingingo ya 1325 irashobora gufasha reta, canke amashirahamwe mu kurwanira agateka k’umukenyezi mu bihe vy’ingwano. Mu nyuma y’imyaka ine irangiye ishirahamwe ONU ryemeje ingingo ya 1325, inama ya ONU yubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi imenyesha y’uko iriko iraringaniza gusumba uburyo bwo gukingira abakenyezi mu mabi bakorerwa mu ngwano cane cane ayo kubashurashuza.

Iyo ngingo ifasha gukingira umukenyezi mu bihe vy’ingwano, no kumuha akaryo ko kwitaba ibikorwa bijanye no gukingira indyane no gutsimbataza amahoro n’umutekano.

Mu Burundi co kimwe no mu bindi birere bihitiyemwo ingwano nka Tchad, Darfour, Afganistan… akarusho karabonetse mu gushira mu ngiro iyo ngingo, ariko nk’uko ishirahamwe ONU ribivuga imitego n’ingorane biracariho.

Icegeranyo giheruka kugirwa n’ishirahamwe CARE Internationale cerekana y’uko akarusho mu Burundi kabonekera cane cane mu ngendo iheruka gufatwa na reta mu kwinjiza mu bibanza bifatirwamwo ingingo zihambaye ziraba ubuzima bw’igihugu, n’aho batari baronse ikibanza mu biganiro vy’amahoro vyabereye i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya.

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru ari kumwe n‘uwutwara igisata c’abakenyezi muri ONUB,umupfasoni aserukira CARE International i Bujumbura, yemeza ko amabi akorerwa umukenyezi yama aba no mu bihe bitari ivy’ingwano.

Mu bijanye no kurwanira agateka kabo Kossi Mac Ilvaire avuga ko imigenderanire hagati y’abakenyezi bo mu mitumba hamwe n’abateye imbere kandi bafise ubushobozi bwo kwumvisha abategetsi ibijanye n’agateka k’umukenyezi igoyagoya. Ico cegeranyo iryo shirahamwe riheruka kugira gisaba ko hoba uburyo bwo kwumviriza abanyagihugu bo hasi ku neza y’intwaro ibereye.

Mac Ilvaire amenyesha ko abakenyezi bo hasi bakeneye gutsimbataza ubushobozi bwo guserura ivyiyumviro vyabo, bagatinyuka mu kuvugira uburenganzira bwabo, bakaronka n’akaryo ko kwumvirizwa.

Ingorane icibonekeza mu mashirahamwe y’abakenyezi mu Burundi n’uko nk’uko CARE Internationale ribivuga, yiharizwa n’abakenyezi bava mu bwoko bumwe, canke mu rugero rumwe rw’ukubaho mu bijanye n’ubutunzi.

Amategeko agenga ingo n’imiryango yategerezwa kwisunga ivyiyumviro vy’abakenyezi mu gihe akiriko araringanizwa na reta, nk’uko iryo shirahamwe ribivuga.

XS
SM
MD
LG