Uko wahagera

Impunzi z'Abanyarwanda mu Burundi ngo Ntizizacyurwa ku Ngufu


Abategetsi b’Uburundi hamwe n’ab’Urwanda barateye ibikumu ejo ku masezerano yemeza ko impunzi z’Abanyarwanda zisavye indaro mu Burundi zitazorungikwa mu gihugu c’amavukiro ku nguvu.

Iyo ngingo yafashwe mu nyuma y’umubonano wabereye i Ngozi mu buraruko bw’Uburundi hagati y’umushikiranganji w’Uburundi ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, Salvator Ntacobamaze, hamwe na mugeni we w’Urwanda, Protais Musoni.

Twibutse y’uko mu kwezi kwa gatandatu kw’uno mwaka Abanyarwanda bababa ibihumbi 6 bari bahungiye mu Burundi batahukanywe ku nguvu.

Benshi muri bo bavuga ko bahunga ubutungane buhengamye bwa sentare y’abanyagihugu « agacaca », zisasa ku bijanye n’amabi matomato yakozwe mu gihe c’ihonyabwoko ryabaye mu 1994 mu wanda. Ishirahamwe HCR ryari ryasavye reta y’Uburundi y’uko yobaha ubuhungiro.


XS
SM
MD
LG