Uko wahagera

Burundi: Urubyiruko Rutishoboye Rwagizwe Ingwate mu Bitaro


Ku cumba cakirirwamwo umuvyeyi, umwana aba aryamye iruhande ya nyina canke ku bibero vyiwe. Ahavurirwa ibikomere, imiyabaga iba ikitse umusaya ku bitanda canke igorora imitsi.

Ugushaka kurondoka ku bakiri bato bubakanye ata buryo gutera kudashobora kuriha ibitaro, umukenyezi ageze kwibaruka.

Josiane Mpawenimana amaze amezi arenga 5 muri Prince Regent Charles kuko umugabo wiwe yabuze amahera y’ukuriha inyuma y’aho avyariye abazwe.

Ahandi naho, ni uguhebwa n’ab’iwabo.

Ku rundi ruhande, ni ugutwara inda y’ishushu utavyiteguriye ku miyabaga y’abigeme. Vyongeye ukutishobora kw’umuryango umutunze gutera uwukiri muto kugumizwa mu bitaro yarakize, kuko utari bumugarukireko.

Antoinette Ndayishimiye ni impfuvyi y’abavyeyi bose, nyinabo amureze akaba ari mukene :

« Baturungitse ino nca ndaza, biranka ko mvyara, bangirira cesarienne, mbura amahera y’ukuriha nca nguma ngaha…… Ni amezi abiri n’inusu kuko naje ng’aha kuva mu kwa gatatu… nta bavyeyi mfise, n’uwundeze ni mama mudogo.”

Imfashanyo y’ibitaro niyo ituma uwukiri muto atagira ikimugemurira ashishikara kubaho. Mu vy’imfungurwa ahabwa ibiharage, umuceri n’ifu y’ibigori nk’uko twabitohoje. Ukutagaburirwa ivyo yamenyereye kumutera inzara. Bitayeko umwana yonka arabura ingaburo akeneye, kuko ata bizongereza nyina ahabwa. Kukaba nk’ako nta mboga umuvyeyi aronswa mu mfungurwa. Bisubiye umucuko
ntategekanirizwa ingaburo imugenewe, agafungura indya zimwe n’uwukuze. Ugufashanya hagati y’abagwarije mu bitaro gutuma rimwe na rimwe ahembuka.

Amissa, umukenyezi twasanze mu bitaro vyitiriwe « Prince Regent Charles » yigana ko agabaniriza icayi ikibondo ca mugenzi we akihafatiriwe :

“Mbona ari ngaho atagira uwumufasha nkamuha indya z’umwana, icayi…,Urabona umuntu ataco ariko arakora, ata muntu aja kumuraba, ugaca umuha indya…”

Uwukiri muto akiri mu bitaro asubiye kugwara aravurwa, igiciro yandikiwe kikongerezwa ku ca mbere. Iyo ari uruyoya naho, rujanwa mu gisata kiraba ingwara z’abana, nyina agasabwa kuriha amahera y’ifishi. Imyidogo y’umuvyeyi ifatiye k’ukwakwa amahera adafise, ku bwiwe akabona ko ari ukumujuragiza.

Mu ngwara zikunda gufata umwana harimwo ugukorora,ugucibwamwo, ugutonderwa n’uruherehere ku mubiri, hamwe na malariya.

Agatahira k’imbeho n’umuyaga kuko aba mu kirongozi, impwemu zivuye k’ukurara mu kivunga , ni bimwe mu bizitera. Ahandi naho, ni ugushira mu kanwa imicafu iri aho yavurira, ukwambara impuzu yanikiwe mu vyatsi bikwiragiyemwo imyanda n’ukuribwa n’imibu. Ukwihangana guke rimwe na rimwe umuvyeyi agira kumuca ingoga ntajane ikibondo ciwe ku muganga. N’aho biri uko, ubuyobozi bw’ibitaro Prince Regent Charles bumenyesha ko buvura umugwayi wese, ariko y’uko bishika bukaremerwa. Muganga Ignace Nzotungwanayo abirongoye arabitwiganira :

“Biradutera ingorane na twebwe ntituryoherwa kubona umuntu yarakize akaguma yicaye ng’aho ataco ariko arakora, yaryamye kugitanda twategerezwa gushirako uwundi mugwayi,biraturemera gose, mugabo nk’uko nabibabwiye ingingo y’ukugira ati « ko yakize ntabe afise uburyo bwo kuriha, ati reka tumurekure atahe si ingingo yo gufata. Kuko tuyifashe n’uwoba afise uburyo bw’ukuriha ntiyosubira n’ukwiyumvira gutanga ifaranga na rimwe… ibitaro vyoca bihenuka. »

Ivyiyumviro vy’umurengera ku wukiri muto, biva k’ukutabona agahita inyuma y’ikigo c’ibitaro. Mu mezi arenga atanu Josiane Mawenimana amaze ata wundi muntu abona kiretse uwo biririrwana bimubuza gutekanirwa. Ahandi naho ni ukuguma yibaza ukugene azobisoboka.

Nk’uko twavyiyumviye, nta yandi mirukiro iyo miyabaga yiteze atari intererano y’abagiraneza. Uguhebwa n’umuryango gusongera isibe ku mubabaro n’umwiheburo vy’uwukiri muto. Uko ibintu vyifashe, bitera gushaka kugarariza n’ugutaha atarishe. Intuntu y’ukutagira umwidegemvyo itera imiyabaga imw’imwe gutoroka. Ukwiyumvira
kuzosubira gukenera ivyo bitaro, gutuma iyindi kugumaho. Josiane Mpawenimana ati:

“Abandi baratorotse, mugabo jewe nca ndaguma ng’aha, mvuga nti ‘ Imana ndabe ukuntu yotugirira imbabazi, tukaronka n’umugiraneza yoza kuturihira, ayo mezi atanu maze ng’aha. Nico gituma nagumye ng’aha, kugira n’ubundi tugarutse vyotugora.”

Intererano y’abagiraneza ntikwiye kugira ngo urwaruka n’abakuze bagumizwa mu bitaro bagabanuke. Iyongererezwa ry’uburyo bwo kuringaniza imigambi ijanye n’amagara y’abantu, ryorangiza iyo ngorane. Kukaba nk’ako igice 1,9% vy’amahera ubushikirangaji bw’amagara y’abantu bwahawe ni make. Vyongeye ukurwanya ubukene kwotera urwaruka kwiyungunganya rukirihira ibitaro rukitswe n’amagara.

Muganga Ignace Nzotungwanayo, aratera akamo:

“Reta ni yo ijejwe iterambere ry’abanyagihugu , niyo ijejwe kuvuza abanyagihugu., kuko n’itabavuza amagara azoguma basinzikara, iterambere ntiriheze riboneke. Nibaza ko Reta iki kibazo yociga yivuye inyuma kugira abanyagihugu bashobore kuvurwa neza umuntu wese agwaye, ashobore kuronka umuti, umuganga, ari uwukeneye kuronka ibitaro ashobore kuronka ibitaro, hanyuma avuwe akize ashobore gutaha ata angorane.”

Igabanya ry’igiciro co kubarwa ku mukenyezi yibaruka ryogira akarusho.

XS
SM
MD
LG