Uko wahagera

Mu Burundi Ivyegera 2 vy’Umukuru w’Igihugu Vyararahiye ku wa Mbere.


Ivyegera bibiri vy’umukuru w’igihugu, Martin Nduwimana, hamwe n’Alice Nzomukunda kuri uyu wa mbere niho barahira imbere y’abashingamateka hamwe w’abakenguzamateka biyemeza ko batazotirimuka mu mabanga yo gufasha umukuru w’igihugu gutwara. Iryo rahira rishitse mu nyuma y’iyimikwa ry’umukuru w’igihugu, Pierre Nkurunziza, ku wa 26 muri uku kwezi.

Abo bakuru bose barahiye biyemeza icese y’uko batazotirigana ku masezererano y’Ubummwe bw’Abarundi, kw’ibwirizwa shingiro rya Republika y’Uburundi, n’ayandi mabwirizwa. Biyemeje kandi guharanira ineza y’abarundi, kwubahiriza ubumwe bw’abarundi, amahoro n’ubutungane kuri bose, ukurwanya ivyiyumviro n’ingendo vy’ihonyabwoko no gukumirana, guharanira no guteza imbere agateka ka zina muntu, n’ak’abanyagihugu bose, mu kwubahiriza imbibe, ukwikukira kwa Republika y’Uburundi,

Martin Nduwimana, icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, na Alice Nzomukunnda, barahiye ku muhingamo mu nyuma y’aho imbere y’umutaga igenwa ryabo n’umukuru w’igihugu ryari ryabanje kwemezwa n’inama nshingamateka na nkenguzamateka zikoranye.

Tumenyeshe ko Martin Nduwimana afise imyaka 47, akaba ari Umututsi ava mu mugambwe w’abadasigana UPRONA, yari yatowe mu bashingamateka bo mu ntara ya Bururi (mu bumanuko). Ni umuganga yanonosoye ivy’ukuvura ingwara z’abana, akaba gushika ubu yari arongoye ikigo c’igihugu kijejwe amagara y’abantu, INSP, akongera akaba n’umwarimu muri kaminuza y’Uburundi.

Alice Nzomukunda nawe, icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu afise imyaka 39 y’amavuka, akaba yari umushingamateka w’umugambwe CNDD-FDD yari yatowe muri mairie ya Bujumbura.

Ibwirizwa shingiro ry’Uburundi rivuga y’uko icegera c’umukuru w’igihugu azoba ajejwe ugutunganya ibikorwa mu bisata vya politique hamwe n’intwaro, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu nawe akaba ajejwe ugutunganya ibikorwa bijanye n’ubutunzi hamwe n’imibano.

XS
SM
MD
LG