Uko wahagera

Abanyaburayi ngo Amatora y'Abadepite Yerekanye Ugushaka kw'Abaturage


Umurwi w’ ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya wacungereye amatora mu Burundi umenyesha ko ukwiyamamaza kwabayemwo umudugararo, ariko ko amatora y’abashingamateka yerekanye akigoro k’uko ibiyavamwo biba ishaka ry’abanyagihugu.

Mu nyuma y’amatora y’abashingamateka yabaye kuri uyu wa mbere umurwi w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya uremeza ko ibikorwa vyo kwiyamamaza kw’amatora y’abashingamateka kwabayemwo uruhagarara, ariko ko akigoro k’uko inyishu yayo igaragaza ihaka ry’abanyagihugu kibonekeje.

Mu kiganiro uwurongoye izo ntumwa z’ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya, Alain Hutchinson, yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, avuga ko ibikorwa vyo vyo kwiyamamaza vyisunze ivyavuye mu matora y’abahanuzi b’amakomine. Abanyagihugu bibanda cane cane ku migamwe itandatu yabaye iya mbere, na cane cane CNDD-FDD na FRODEBU.

Mu ruhagarara rurimwo ubugizi bwa nabi bwaranze ibikorwa vyo kwiyamamaza, uyo murwi umenyesha y’uko ibikorwa vyo kwiyamamaza vyaranzwe n’uruhagarara mu ntara zitari nke, vyari bigoye gutandukanya ko bwoba bufatiye ku mabi asanzwe akorwa canke y’uko bwari bufitaniye isano n’vya politique.

Uyo murwi uremeza kandi ko imigambwe itakoreye ku mugaragaro. Uburyo bushasha bwo kwiyamamaza yakoresheje, bwo guca ku ngo z’abantu ntibwatomora neza ico abo banyepolitique bariko barabwira abanyagihugu. Iryo shirahamwe rikamenyesha ko iyo ngendo yari iteye umutima uhagaze.

Ukwinubana hagati y’imigambwe imwe imwe n’amajambo yakoreshwa vyari biteye kubiri n’ingendo bategerezwa kugira bisunze amategeko agenga amatora nk’uko umurwi ujejwe gucungera amatora w’ishirahamwe rya Buraya ubimenyesha.

Ku bijanye n’amatora ubwayo, uyo murwi umenyesha ko unezerezwa n’ubwigenege bwaranze umurwi CENI ujejwe matora na cane cane mu gihe wariko uragondozwa n’umugambwe uvamwo umukuru w’igihugu Frodebu hamwe n’intwaro. Umutekano w’amatora wari wifashe neza mu bice nka vyose vy’igihugu.

Tumenyeshe ko uyo murwi wari ugizwe n ‘abantu bagera ku 84 baje biyongera ku bari bategekanijwe n’ibiro vya ONU mu Burundi, Francophonie n’abandi bakaba bashitse mu bice kwishikira mu bice 62 % kw’ijana vy’ibibanza vy’amatora.

Uyo murwi umenyesha ko ibikorwa vyo guharura amakarata y’amatora vyagenze neza.

Ariko rero, urahanura y’uko amategeko agenga n’ingendo iranga abitavye amatora zosubirwamwo imbere y’amatora azokurikira kugira ngo inyifato ibe imwe ku banyamigambwe bose. Urwego rwa CENI, rujejwe gucungera amatora rwoguma rukora no mu bihe bitari ivy’amatora kugirango rukomeze ubumenyi bwaronse kubw’amatora ariko arabera mu Burundi.

Tumenyeshe kandi ko umukuru w’igihugu Domitien Ndayizeye yamenyesheje icese y’uko ashimishwa n’ukugene amatora yagenze kandi ko azokwemera
ibitigiri ntabanduka vy’ukugene yagenze.

XS
SM
MD
LG