Uko wahagera

Abana Barasaba Abarundi Kwubahiriza Amasezerano Mpuzamahanga Abagenga


Abana barasaba Abarundi kwubaha no kwubahiriza amategeko agenga abana. Ivyo n’ivyashikirijwe n’abana mu gihe c’ikoraniro ryahurije abana hamwe n’imiyabaga bo mu ntara zose z’igihugu i Bujumbura.

Iryo koraniro rije ryisunga umusi mpuzamakungu wahariwe umwana w’umunyafrika. Mu majambo yashikirijwe n’uwaserukiye abana, barerekana y’uko ingorane zitari nke zifatiye ku bukene, ingwano, hamwe n’ikiza ca SIDA zabujije igitigiri kitari gito c’abana gukurikirana ivyigwa.

Muri abo hariho abaza basumbiriza igitigiri kinini c’abana basanzwe bari mw’ibarabara, hamwe n’abandi bana bafashwe nabi. Abana bashika hafi ijana bava mu mirwi inyuranye, imfuvyi, abahora mu mirwi y’abarwanyi, abana banduye canke bageramiwe n’uko abavyeyi babo banduye ingwara ya sida, ni bo baserukiye abandi muri iryo koraniro.

Barasavye y’uko Abarundi bokwubaha bakongera bakwubahiriza amategeko agenga uburenganzira bw’umwana, cane cane kuko Uburundi bwemeje gukurikiza amasezerano mpuzamakungu akingira agateka k’umwana, kugirango ubuzima bwabo bworoherwe.

Ishirahwme Unicef rimenyesha ko mu Burundi umuntu umwe kuri babiri afise munsi y’imyaka 18, mu gihe abana bashika ibihumbi 500 badafise uburyo bwo kuja mw’ishure. Uwuserukira ishirahamwe Unicef mu Burundi, Catherine Mbengue, amenyesha ko amabi abana babonye yababujije akaryo ko gukura neza. Ariko rero amenyesha ko ivy’ari vyo vyose abana bafise uburungenzira bwo kwifuza kugira kazoza keza.

Tumenyeshe y’uko itegeko mpuzamakungu ryerekeye ukudakoresha abana mu ngwano riherutse kwemezwa n’inama nshingamateka hamwe na nkenguzamateka z’Uburundi.

XS
SM
MD
LG