Uko wahagera

Mu Burundi ONUB Yishimiye Umubare w'Abitabiriye Amatora y'Abadepite


Uwuserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU mu Burundi, Carolyn Mac Askie, yaramenyesheje icese y’uko igitigiri c’abitavye amatora yo ku wa 4 Mukakaro gishimishije. Ico gitigiri kigera ku bice 63, 8% kiri munsi y’ivy’abari bitavye amatora y’abajenama b’amakomine mu kwezi guheze, ariko kingana n’ivya 2/3 vy’abategerezwa gutora.

Muri rusangi umutekano wari wifashe neza, cane cane mu ntara ya Bujumbura-rural, ahabaye ibitero mu matora y’amakomine aheruka. Nk’uko uwuserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU abivuga, ako gahengwe kabonetse kubera ibiganiro vyari bimaze imisi biba hagati y’abaserukira umuryango mpuzamakungu, ibihugu vyo mukarere k’ibiyaga binini, n’abategetsi b’Uburundi, basaba Agathon Rwasa arongoye umuhari ukirwana wa Palipehutu-FNL ko utotoba amatora y’abashingamateka.

Carolyn Mac Askie ameyesha ko kubona yubahirije umutekano ari ikimenyetso ko n’ibiganiro vyo guhagarika ingwano hamwe na reta bishobora kubandanya. Yaramenyesheje kandi icifuzo ciwe c’uko imibonano igamije ivyo biganiro yotangura imbere y’uko ikiringo c’intwaro mfatakibanza kirangira mu kwezi kw’umunani kuza.

Ishirahamwe ONU ryarateye akamo k’uko impande zose zemera ibizova muri ayo matora yabaye mu mutekano, ryongera ryemeza ko ibizoyavamwo bizoba vyerekana koko ko ari vyo abanyagihugu bipfuza. Ubusuma bwagiye burashaka gukorwa muri ayo matora bwariyamirijwe hamwe hamwe n’abanyagihugu. Ico kikaba ku bwa Carolyn Mac Askie ikimenyetso c’uko badashaka iterabwoba.

XS
SM
MD
LG