Uko wahagera

Abaturage ngo Bazitabire Isubiramo ry'Amatora muri Bujumbura Rural


Buramatari w’intara ya Bujumbura rural, Ignace Ntawembarira, yarateye akamo ku musi wa mbere gasaba abanyagihugu baba mu bice vyahungabanyemwo umutekano ku musi wa gatanu w’indwi iheze ko bokwitaba isubirwamwo ry’amatora y’abahanuzi ba komine.

Ignace Ntawemarira yemeza ko umutekano umaze kugaruka mu makomine ya Kanyosha, Nyabiraba, Muhuta, na Isale. Amakomine yose yabayemwo umutekano mukeya ni atandatu, ayandi abiri akaba Mpanda na Rugazi zo mu ntara ya Bubanza. Ibibanza vy’amatora bitashoboye gukora neza vyose hamwe ni 133.

Uwuserukira umunyamabanga mukuru wa ONU mu BurUndi, Carolyn Mac Askie, amanyesha ko amatora yari amaze kubera muri ivyo bibanza yose afuswe, akaba asaba n’abari bamaze gutora imbere y’uko umutekano uhungabana boza gusubira gutora.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU, Koffi Annan, mw’itangazo yasohoye ku musi w’Imana, yifuje y’uko isubirwamwo ry’amatora muri ayo makomine 6 ryoba mu mutekano, yongera asaba Abarundi ko bokora mu ntumbero y’amasezerano y’amahoro y’i Arusha, no kwirinda ico cose cotuma umugambi w’amatora uta intumbero yawo.

Uwuserukira mu Burundi umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU, Carolyn Mac Askie,amenyesha ko abacivils ba ONU bari kumwe n’abaserukira umuryango mpuzamakungu bazokwifatanya n’abanyagihugu bo muri utwo turere mu gucungera ukugene amatora ariko aragenda.

Umukuru aserukira inteko za Onu mu Burundi, general Derick Ngwebi, ku bwiwe yemeza ko i kompanyi y’abasirikare b’iryo shirahamwe ari yo itegekanywa gucungera umutekano w’amatora mw’ikomine imwe imwe yose, ico gikorwa bakazokirangura bafadikanije n’abasirikare ba reta.

Mu zindi ntara z’Uburundi abanyagihugu bitavye amatora baharurwa mu bice 72%. Uwuserukira umunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi, Carolyn Mac Askie, amenyesha ko, naho ico gitigiri kiri munsi y’icari cabonetse mu matora aheruka y’ibwirizwa shingiro, kiguma ari ciza. Ku bwiwe, muri rusangi, amatora yagenze neza mu bindi bice vy’Uburundi, kandi imidurumbanyo yabaye mu makomine atanu y’igihugu ata ngaruka azogira ku kirangamisi c’amatora azokurikira.

Imigambwe imwe imwe yitavye amatora iramaze gushikiriza ico yiyumvira ku bijanye n’ukugene amatora y’abazoba abahanuzi ba komine yagenze. Umugambwe UPRONA, wahoze ari umugambwe umwe rudende, umenyesha ko ushimishwa n’ukugene yagenze. Umuvugizi wawo, Gerard Nduwayo, yemeza icese y’uko utunenge twabaye muri ayo matora, nk’iterabwoba ku banyagihugu, ari duke, ku buryo tutotuma ayo matora ahakanwa. Arongera akamenyesha y’uko amatora aheruka yerekanye neza ko umugambwe UPRONA ugifise inguvu mu vya politique iruhande y’iyindi migambwe ikiri mitoto.

Umugambwe CNDD-FDD, uri imbere y’iyindi mu gutsindira intebe nyinshi ku rwego rwa komine, waramenyesheje ko ugiye kuzokwitwarira imbere y’umurwi wigenga ujejwe amatora CENI, umugambwe Sahwanya FRODEBU. Uyo mugambwe
wagiriza FRODEBU ko ngo yagize ubusuma muri komine ya Mutimbuzi.


XS
SM
MD
LG