Uko wahagera

Ahenshi mu Burundi Amatora yo mu Makomini Yagenze Neza


Ishirahamwe ONU mu Burundi rimenyesha icese y’uko amatora y’abahanuzi ba komine yagenze neza kandi ko yabaye mu mutekano ntangere mu makomine ashika 124 ku 129 agize igihugu. Icegera c’uwuserukira umunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi Ibrahima Fall yari ahejeje kugendera igice kinini c’intara zo mu Buraruko bw’igihugu yamayesheje ku wa gatanu ku mugoroba y’uko ayo matora yabaye mu mutekano ntangere, kandi y’uko vyibonekeza ko abanyagihugu bayitabanye igishika.

Ayo matora y’abahanuzi ba komine ariko abwirizwa gusubirwamwo mu ntara ya Bujumbura rural, bivuye ku mutekano muke waranzwe mu makomine agize iyo ntara hamwe no mw’i komine imwe yo mu ntara ya Bubanza. Inkoho zari zarajeko buca haba amatora, zongera zizindukirako zatumye abanyagihugu batari bake bo muri iyo ntara bata barahunga.

Ishirahamwe ONu mu Burundi n’ubu rimenyesha ko ridashobora kudoma urutoke ku bo uwo mudurumbanyo wega, ariko rero uwuriseruklira mu Burundi, Carolyn MacAskie, avuga y’uko vyibonekeza ko ari ibintu vyateguwe kandi vyari bigamije ugutoba amatora.

Carolyn Mac Askie yarashimikiye ku ciyumviro c’uko umutekano muke waranzwe mu ntara za Bujumbura rural na Bubanza ata ngaruka uzogira ku kirangamisi c’amarora. Ishirahamwe ONU mu Burundi ryemeza ko rishobora gucungera umutekano bimwe biboneka muri ayo makomine atanu, kandi ko abashatse kuyatoba ataco bazoshikako. Yasavye abasirikare ba reta y’uko bokwitondera igikorwa co gucungera umutekano mu ntara ya Bujumbura-rural, akaba yaraneguye iraswa baciye bagira bahagaze ku kiyaga Tanganyika.

Carolyn Mac Askie Asaba ko iringanizwa ry’ayandi matora ryoba mu maguru masha kugira ngo ntirizohungabanye ikirangamisi c’ayandi matora yimirije.

Ku mutaga abanyagihugu bari bamaze gutora bari hagati y’ibice 40 na 45 %. Ishirahamwe ONU rikaba ryari rimaze gushima ukugene amatora yariko aragenda.

Ku musi wa gatanu ku mugoroba iharurwa ry’ivyayavuyemwo ryari ryatangute mu ntara zitandukanye z’igihugu. Ariko rero ivyayavuyemwo bishobora kutamenyeshwa icese n’umurwi CENI imbere y’uko amatora mu ntara ya Bujumbura -Rural ategekanywa kuko, nk’uko uwuserukira ishirahamwe mu Burundi Carolyn Mac Askie abivuga, bishobora kugira ingaruka kuri yo.

Tumenyeshe ko ku musi wa gatanu mu gatondo havugwa kandi ubusuma bw’amakarata y’amatora bwagirizwa umugambwe Sahwanya FRODEBU, cane cane mu ntara ya Kayanza. Mu nyuma y’umubonano yagiriraniye n’umukuru w’igihugu Domitien Ndayizeye asanzwe akomoka muri uyo mugambwe, Carolyn Mac Askie amenyesha ko ukwo ibintu vyagenze bishobora kuba atari ubusuma kandi ko, ivy’ari vyo vyose, ari bito ku buryo ata ngaruka bishobora kugira ku bijanye n’ibizova mu matora.

Tumenyeshe ko umusirikare wa ONU yamuka mu gihugu ca Africa y’Epfo yarashwe ku mutwe mu gitero cabereye muri Bujumbura rural. Carolyn Mac Askie yamenyesheje ku musi wa gatanu ku mugoroba y’uko amagara yiwe yifashe nabi akaba yaciye ajanwa vyihutirwa kuvurirwa i Nairobi mu gihugu ca Kenya.

XS
SM
MD
LG