Uko wahagera

Mu Burundi Abiyamamaza ngo Ntibazakure Abaturage Umutima


Mu nyuma y’aho umukuru w’igihugu atangiye uruhusha rwo kwiyamamaza ku matora y’abahanuzi mu makomine, umushikiranganji mushasha ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu yamenyesheje y’uko igihugu kigeze mu bihe bihambaye.

Mu kiganiro ciwe ca mbere yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru ku wa gatatu, umushikiranganji Jean-Marie Ngendahayo yasavye abarebwa na politique bose y’uko bogerageza gufata ingendo ijana ku mutekano, haba mu majambo babwira abanyagihugu canke mu vyo bakora vyotuma abanyagihugu bagira ubwoba canke ngo bihebure.

Umushikiranganji Jean Marie Ngendahayo, yaramenyesheje kandi ko itegeko rigenga amatora, irigenga imigambwe yemewe n’amategeko, hamwe n’irigenga inyifato nziza mu bihe vy’amatora, ategerezwa kwubahirizwa.

Twibutse ko itegeko rigenga imigambwe ritegekanya imfashanyo y’uburyo izohabwa imigambwe izoba iriko iriyamamaza. Umushikiranganji Jean- Marie Ngendahayo amenyesha icese y’uko iyo mfashanyo izongana n’uburyo reta isanzwe ifise muri kino gihe.

Arahakana y’uko imigambwe ifise abayiserukira muri reta nka UPRONA, FRODEBU na CNDD-FDD, yoba ikoresha uburyo bwa reta mu kwiyamamaza.

Ukwiyamaza kw’abazokwitoza mu bahanuzi ku rwego rwa komine azorangira ku wa 31 rusama muri uno mwaka.


XS
SM
MD
LG