Uko wahagera

EJO BITE 05 07 2003


Kw'italiki ya mirong'ibiri n'icenda z'ukwezi kwa kane, ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi HCR niho ryatangaza umungu yatsindiye agashimwe kwtwa NANSEN iryo shirahamwe ritanga rimwe mu mwaka. Abaronka ako gashimwe bakaba ari abantu canke amashirahamwe yagize uruhara runini mu gikorwa cyo gufasha abataye ingo zabo.

Ahandi ho, abavyeyi bo mw'idini ry'Abajohova ntibemera kongerenza cyanke kongerezwa amaraso kukuvuye ku vyemero vy'idini yabo, ivyo bigatuma abana babo bitaba Imana mw'ikambi ya Muabila na Muyobozi. MurI uyu mwaka uwahawe iryo shimwe Nansen rya HCR ni Madame Maggi Barankitse, umurundikazi wafashije abana barenga ibihumbi cumi bava mu bwoko bwose bagizwe imfubyi n'intambara
yo mu Burundi.

Madame Maggi Barankitse niwe washizeho kandi akaba anayobora ikigo cy'abana cyitwa "Maison Shalom". Ako gashimwe kajyana n'amadorari ibihumbi ijana azakoreshwa mu gukomeza uwo mugambi wagufasha abo bana bashizwe iheruheru.

Mu yandi makuru naho, ubukene bw'inkwi zo gucana butuma abana bo mw'ikambi ya Lukole basiba ishure kuko abavyeyi babatuma kuzirondera.

Mu Rwanda impunzi z'abanyecongo bavuga ururimi rw'ikinyarwanda zari zarakiriwe mu kigo cya Nkamira, ubu zatangiye kujyanwa mu nkambi zateganirijwe nu ntara y'umutura.

Indi nkuru ivugo ko urubyiruko rw'impunzi z'Abanyecongo ruru nw'ikambi ya Gihembe ruremeza ko umutwe witwaje intwaro FDRL uri mu gihugu cya Congo n'uramuka utashye, nta kabuza amahoro azaguruka mu gihugu cya Congo.

XS
SM
MD
LG