Uko wahagera

Umukuru wa FIFA, Joseph Blatter, Yasuye Uburundi


Umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru Joseph Blatter yarashinze icese umushinge w’inzu y’abakinyi b’umupira w ‘amaguru i Bujumbura.

Umuzo w’umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru FIFA wabaye akaryo ko gushira icese itafari rya mbere ku mushinge w’inyubakwa abakinyi b’umupira w’amaguru bagiye gukoreramwo.

Joseph Blatter yaje mu Burundi ari kumwe n’abandi bakuru bo muri iryo shirahamwe, nka Diakite Amadou, ari mu murwi nshingwabikorwa muri iryo shirahamwe, hamwe na Jerome Champagne, icegera c’umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe.

Mu nyuma y’ingorane zari zijanye n’ugutunganya urunani rw’amashirahamwe y’umupira w’amaguru, Joseph Blatter asaba abagize urunani rw’umupira w’amaguru mu Burundi y’uko bokwiyunga muvyo bakora kuko, ku bwiwe, ubwa mbere na mbere umupira w’amaguru utuma abantu baja hamwe.

Itorwa ry’umukuru w’urwo runani mushasha ni ikimenyetso c’uko umupira w’amaguru mu Burundi ugiye kunaguka. Lydia Sekera abaye umupfasoni agira gatatu kw’isi mu batwara amashirahamwe y’umupira w’amaguru mu bihugu, iruhande y’igihugu ca Liberia na Antilles zegukira aba Neerlandais.

Urukino rw’umupira w’amaguru ku bigeme nirwo rwakiriye umukuru wa FIFA. Igihe yari kumwe n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu, Joseph Blatter amenyesha y’uko yiboneye n’amaso yiwe y’uko urukino rw’umupira w’amaguru ku bigeme ruriko rurashinga imizi mu Burundi. Muri uno mwaka ibice 10 % vy’amadollars ibihumbi 250 FIFA yahora ifashisha amashirahamwe y’umupira w’amaguru mu bihugu itandukanye, bigiye kuzokoreshwa mu guteza imbere umupira w’amaguru ku bigeme.

Joseph Blatter mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru yaramenyesheje y’uko amahiganwa y’umupira w’amaguru kw’isi ategekanywa mu gihugu ca Afrika y’Epfo mu mwaka w’2010 azogira ingaruka nziza cane mu bijanye n’ubutunzi muri Afrika gusumba ukwo vyagenze mu bindi bihugu bitunze.

Mu mubonano yagiriraniye na president Ndayizeye, Joseph Blatter yamenyesheje y’uko ishirahamwe mpuzamakungu FIFA ridashobora kwubakira Uburundi ibibuga vy’inkino z’umupira w’amaguru mu gihe mu mashirahamwe 205 ari mu gihugu, ayagera kw’105 ari mu ngorane z’umurengera.

XS
SM
MD
LG