Uko wahagera

Mu Burundi Bibutse Imyaka 11 y'Iyicwa rya Perezida Ntaryamira



Uburundi bwarahimbaje ku musi wa gatatu imyaka cumi n’umwe irangiye umukuru w’igihugu Cyprien Ntaryamira apfuye mw’isanganya ry’indege yari itwaye umukuru w’igihugu c’Urwanga Juvenal Habyarimana. Twibutse y’uko muri iyo ndege nyene harimwo n’abashikiranganji b’Uburundi babiri, Bernard Ciza hamwe na Cyriaque Simbizi.

Mu nkuka y’imisa yasomwe n’umukuru wa Diocese ya Bujumbura, Evariste Ngoyagoye, yishimikije cane cane ijambo ryashikirijwe na Papa Paul wa Kabiri igihe yagendera Uburundi mu mwaka w’1990, naryo rikaba ryashira imbere ugusoneranira mu budasa bw’abantu.

Ibirori vyaciye bibandaniriza ku kibanza citiriwe abamaratiri, hagati mu gisagara ca Bujumbura, aho President Ntaryamira na President Melchior Ndadaye n’abandi bafasha biwe bahambwe mu nyuma y’ubwicanyi bwakurikiye itembagazwa rya Ndadaye mu 1993.

Abari bitavye ivyo birori bararonse akaryo ko kwumviriza igice c’ijambo Cyprien Ntaryamira yashikirije igihe yaja ku butegetsi, ari naryo abatari bake bamwibukirako, n’ukuvuga mu ncamake “discipline” mu bijanye n’itunganywa ry’ubuzima bw’igihugu.


Tumenyeshe y’uko ivyo birori vyari vyitabwe n’umukuru w’igihugu Domitien Ndayizeye n’umutambukanyi wiwe, umukuru w’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka,Jean
Minani, na Libere Bararunyeretse, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, na cane cane abaserukiye imihari yahora irwana, bari bagwiriye mu mugambwe FRODEBU imbere y’amagume, ari nawo Cypiren Ntaryamira yakomokamwo. Iyo mirwi yose hamwe n’imiryango ya Cyprien Ntaryamira, Bernard Ciza na Cyriaque Simbizi, baciye bashira ingori z’amashurwe ku ntatemwa z’abo bahisi.

Uwahoze ari Umukuru w’igihugu, Sylvestre Ntibantunganya, amenyesha y’uko impera n’imperuka Uburundi butegerezwa kurondera ukugene urupfu rwa president Ntaryamira n’abashikiranganji biwe rwagenze kugirango ukuri kuje ahabona. Yemeza kandi ko ugukorana n’igihugu c’Urwanda hamwe n’umuryango mpuzamakungu wabonye ukwo ibintu vyagiye biragenda gukenewe kugira ngo ukuri kumenyekane.

XS
SM
MD
LG