Uko wahagera

Uburundi n'Ububirigi Byavuguruye Ubufatanye bwa Gisirikari


Reta z’Uburundi hamwe n’Ububirigi zarafashe ingingo yo gusubira imigenderanire yo gufashanya mu bijanye n’ivya gisirikare.

Ku musi wa kabiri niho Umushikiranganji w’ububirigi n’uw’Uburundi bajejwe ukwivuna abansi bashira ibikumu i Bujumbura, ku rwandiko rwemeza ko bafise umugambi wo kunagura iyo migenderanire.

Umushikiranganji w’Uburundi ajejwe ukwivuna abansi, General major Vincent Niyungeko, yaciye amenyesha ko ari ikimenyetso gihambaye mu bijanye nukugene umugambi w’amahoro mu Burundi uriko uragenda.

Iyo ngingo yafashwe mu nyuma y’ibiganiro vyabaye hagati y’ibisata bijejwe ukwivuna abansi muri ubwo bushikiranganji ukwo ari bubiri, hamwe n’urugendo umukuru w’igihugu Domicien Ndayizeye yagize mu ndwi iheze i Bruxelles mu Bubirigi.

Ukwo gufashanya ahanini kuzoba gushimikiye ku gutanga ubumenyi mu vya gisirikare. Integuro igiye kuzoba mu misi iri imbere izoba itegekanya irungikwa
ry’abasirikare b’abarundi mu mashure y’ivya gisirikare ,Ecole royale militaire, na institut royale superieur de defence, ari mu Bubirigi, hamwe n’ibijanye na cartographie.

Igihugu c’Ububirigi kizorungika i Bujumbura abahinga bazoba bajejwe guha ubumenyi abazokwigisha abandi.

Umushikiranganji w’Ububirigi ajejwe ukwivuna abansi, Andre Flahaut ntiyashimye guserura igitigiri c’amafaranga ategekanywa gukoreshwa muri uyo mugambi, akemeza ko igihambaye ari ukugene ibikorwa bijanye n’uyo mugambi bizoba vyakozwe neza.

Tumenyeshe ko amasezerano bene ayo ico gihugu c’Ububirigi giherutse kuyagira hagati yaco nyene hamwe n’ibihugu vya Republika iharanira Democratie ya Congo hamwe n’Urwanda. Umushikiranganji Flahaut akamenyesha ko iyo migenderanre izofasha mu kugarukana amahoro n’umutekano mu karere k’ibiyaga binini.

Twibutse y’uko iyo migenderanire yo gufashanya mu vya gisirikare hagati y’Uburundi n’Ububirigi yari yarahagaze kuva mu mwaka w’1972



XS
SM
MD
LG