Uko wahagera

Mu Burundi Umushikiranganji Simon Nyandwi Yitavye Imana


Ku wa 22 Ntwarante umushikiranganji ajwejwe intwaro yo hagati mu gihugu Simon Nyandwi yaritavye Imana imuhira iwe kuri uwo musi mu bucagucagu.

Itangazo ryasohowe na reta y’Uburundi rivuga ko Simon Nyandwi yitavye Imana mu nyuma y’ingwara itamaze igihe kirekire. Reta y’Uburundi imenyesha icese y’uko «Uburundi bubuze umugabo ».

Umushikiranganji Simon Nyandwi yari yaraserukiye Uburundi mu ntara ya Kigoma mu gihugu ca Tanzaniya kuva mu 1994-1997. Kuva mu mwaka w’1992 gushika mu 1998 yari mu batanguje umugambwe w’abanyagihugu P.P, akongera akaba ari mu bajejwe ivy’ubutunzi hamwe n’ibigega, imbere y’uko yinjira mu muhari wahora urwana wa CNDD-FDD, ishami rya Pierre Nkurunziza.

Mu mugambwe CNDD-FDD uyo mushikiranganji yari ajejwe imigenderanire yo hanze. Yari ajejwe kandi ibiganiro hamwe na reta mfatakibanza gushika ku masezerano yo guhagarika ingwano na reta mfatakibanza itwarwa na Domitien Ndayizeye, akaba kandi yari umunyamabanga mpanuzwajambo mu mugambwe wa CNDD-FDD.

XS
SM
MD
LG