Uko wahagera

Mu Burundi Gusubiza Abahoze Barwana mu Buzima Busanzwe ngo Biragenda Neza


Umugambi wo gusubiza mu buzima busanzwe abahora ari abarwanyi, DRR mu ncamake, waramenyesheje icese ku musi wa kane y’uko unezerejwe n’ukugene abahora ari abarwanyi binjira mu miryango yabakiriye. Umuvugizi w’uyo murwi, General de Brigade Hicuburundi Libere yamenyesheje mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru y’uko abo bahora ari abarwanyi, basigaye bakora imigambi ijanye n’uburimyi n’ubworozi hamwe n’urudandazwa ruto ruto.

Tumenyeshe y’uko gushika ubu abahora ari abarwanyi bamaze gusubira mu buzima busanzwe bagera ku 5.653 imirwi yahora irwana yose ikoranye. Abahora ari abasoda ba reta bagera ku .853, abahora ari ab’umuhari wahora urwana wa CNDD-FDD nabo bagera ku 3.464. Muri abo bamaze gusubizwa mu buzima busanzwe, abakenyezi bangana 368, abana nabo 618.

Umugambi wa DRR uriko uritegurira kwereka amashirahamwe asanzwe afasha Uburundi icegeranyo c’ukugene ugiye gufasha abahora mu barwanyi kwiteza imbere mu bijanye n’imibano hamwe n’ubutunzi. Ababaye ibimuga kubera imvo z’ingwano hamwe n’abana
bagize umurwi udasanzwe nk’uko tubimenyeshwa na General de Brigade Hicuburundi Libere. Abo ba mbere kuva ubu baremerwe kwivuza mu bitaro vyose vy’igihugu, haba i Bujumbura canke hagati mu gihugu. Abana bahora mu barwanyi nabo bari mu minwe y’ishirahamwe UNICEF hamwe n’igisata c’igihugu kijejwe abana bahora ari abarwanyi.

Imikangara y’abacivils yarwana ku ruhande rw’abasirikare ba reta (Jeunes Gardiens de la Paix ) hamwe n’abanyawnyi barwana ba CNDD-FDD bagiye kuzohabwa indishi ingana n’amafaranga ibihumbi ijana mu nyuma y’aho bazoba batswe ibirwanisho.

Ibiharuro ntabanduka vy’abahora ari abarwanyi bazosubizwa mu buzima busanzwe ntikiramenyekana, kuko bamwe muri bo bakiri inyuma y’igihugu.

XS
SM
MD
LG