Uko wahagera

Urubyiruko rwo mu Burundi Rwitabiriye Amatora


Bujumbura, ku wa 2 Ntwarante,

Akamwemwe karasya imiyabaga yari yitavye ukwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro. Nko ku kibanza c'amatora c'ikiriri ku musozi wa Vugizo, akamwenyuro niko karanga iyari yaje iva mu micungararo ya Bumwe na Rweza. Imwe muri yo yarabura n'amajambo ogaragazamwo
umunezero ifise.

Daniel Binyomvyi tumubajije ingene yakiriye iyemezwa ry'ibwirizwa shingiro yaratweze ati: “Nobona turiko turaronka amahoro gusa, nta bindi”.

Igishika c'ugutora urwo rwaruka rwari rufise, cabonekera mu kigoro rwagira mu kubaririkiza ko ruri ku rutonde. Daniel Binyomvyi yatubwiye ko vyomubabaza itora rimucitse, inyuma y'aho yariko aranyuragiranwa arondeza aho izina ryiwe ryanditse kuko ku biro vya mbere yari aribuze.

Umwitwarariko w'ugutora wagaragazwa kandi n'umwete wo kubungabunga ikarata canke udupapuro rwiyandikishirijeko. Gabriel Cishahayo ashima kubika agapapuro kiwe mw'isakoshi kugira ntigatakare, kuko kazokenerwa mu matora azokurikira.

Ishaka ry'uko Uburundi bwova mu magume bugatera imbere ni ryo ryatumye abo bakiri bato kwitaba akamo k'ukwemeza ibwirizwa shingiro. Kukaba nkako, imiyabaga itari mike ntiyigeze iba mu mutekano kuko urwimo rwateye itaraca ubwenge, igahunganwa mu mugongo. Ku bwayo, intwaro ivuye mu matora niyo yoshirwa imbere kuko yokwitaho ineza y'urwaruka. Butoyi na Merveille Sindayigaya bati:

« Jewe ni nkaryo rya mbere mbona ibintu nk'ibi....ico nobanza gushima ni uko naje kwirabira nanje, ngire ico nemeje canke mpakanye muvyo niyumviye nanje. Nashatse mu bintu numva vyanejereje hagiremwo ico nanjeNotereramwo. Nibaza ko hamwe ryotorwa ibi vy'ibiringo vyo kuja i Tanzaniya, bahana ibiringo... ko bizoca bihava. Hakaboneka abantu bazotwara
bashasha, ari abubu, ari abahahora mugabo batwara ikiringo kingana gutya hama bakabisa abandi.»

Ukwitaba amatora ni impanuro abakiri bato twaganiriye baha urunganwe rukiburagizwa n'abanyepolitike. Kukaba nkako, ni uburenganzira bwarwo. Kubw'iyo miyabaga,uwubuza umunyagihugu kuja gutora ni uwushaka ko uburundi buguma mu ngwano.

Naho urwaruka rwitavye iyemezwa ry'ibwirizwa nshingiro rumwe rumwe rurafise karigangamuhogo ku ngingo zimwe zimwe zaryo. Ku yivuga ko umukuru w'igihugu azotorwa n'inama nshingamateka na nkenguzamataka, rwokwipfuza ku mwicagurira. Isigurwa ry'iryo bwirizwa ryoshishikara kandi kugira rusobanukirwe gusumba. Christella
Girukwishaka aravyigana:

“Hariho ivyo tutasobanukiwe, mugabo twibaza ko bazotubwira buhorobuhoro, uko amatora agenda arakurikirana..... birya bintu vyo kuvuga ko bazotora abashingamateka, abashingamateka bakagenda baratora. »

Uguhabwa akaryo k'ugutora ni ugusubizwa agateka ku bw'urwaruka, kuko rwari rwarambiwe n’urukurikirane rw’intwaro mfatakibanza.


XS
SM
MD
LG