Uko wahagera

Ikiganiro cy'Urubyiruko cyo ku Itariki 26 02 2005


Mu makuru makuru yerekeye urwaruka mu Burundi, ugukorera hamwe n'inzira y'ugutez'imbere no kurwanira uburenganzira bw'abana bakora akazi. Inama y'abaserukira amashirahamwe y'abana bo mu Burundi no mu Rwanda yahuriye i Bujumbura.

Mu nkuru y' ibiraje ishinga urwaruka ivuga ko urwaruka rusinzikazwa n'ingwara ya malaliya bivuye kumukeno. ikigo cishinze kurwanya ingwara ya malariya kiri ku nkengera y'igisagara ca Bujumbura.

Mu yandi makuru, leta ya Tanzaniya irasaba impunzi zose z'aBarundi zili muri Tanzania ko zosubira iwabo Iburundi. Mukiganiro aheruka kugirana n'impunzi z'Abarundi ziri ahitwa i Kibondo muburengera zuba bwa Tanzania. Umushikira ngaji wa Tanzania ashinzwe intwaro yo hagati, Omar Mapuli, yavuze ko Abarundi batakiri impunzi z'emewe murico gihugu. Avuga ahubwo ko Umurundi wese ategerezwa gusigura ibibazo bituma ada shobora gutaha, hanyuma abo badashoboye gutanga insiguro ikwiye, bakazafatwa nkabantu bari muri Tanzania muburyo butemewe n'amategeko.

Mu Rwanda naho, Leta yaho ivugako ntaruhare y'igeze igira mukarengane kameze imisi kavugwa kubana bimpunzi z'abanyecongo, baba munkambi ya gihembe mu ntara ya Byumba. Bamwe murabo bana ntibemerewe kuja mumashure y'isumbuye kandi bari barayatsindiye.

Muyandi makuru Jean Baptiste atubwira ko impunzi z'abanyarwanda zisaga maganatanu zatahutse ziturutse zivuye muk gihugu cya Uganga. Inyinshi mur'izo mpunzi zikaba ziganjemo abana n'abagore bakiri bato.

XS
SM
MD
LG