Uko wahagera

SIDA Yagombye Kugabanuka m'Urubyiruko  muri Buterere


Bamwe mu bigeme bo muri Zone ya Buterere ntibibanga ubusambanyi.

Nk'uko inkuru twatohoje zibivuga, ukubukorana n'abagabo boba

banganya imyaka na ba se nikwo gukaze. Ukuyerera mu

mabarabara no mu bunywero n'ingeso ibukwega. Twabwiwe

ko, guhera isaha y'icenda z'umuhingamo ukwo kuyerera

kuba gutanguye. Baranyuragiranwa mu mabarabara,

bagenda bongera bagaruka. Umugoroba ushitse, ukuja

kubarindira mu mabare nikwo gukurikira. Ubwo

busambanyi bwanduruka kuko basoroye hanyuma

bakaborerwa. Ku ruhande rw'urunganwe runegura iyo

nyifato, impanuro z'abavyeyi zijanye n'ukuyiheba ntaco

zishikako. Abavyeyi ubwabo bavuga ko ikwega ikiza

c'indwara ya sida. Tuvyiganigwa n'umupfasoni twasanze

ku kasoko k'aho mu Buterere, Nzohabonimana Jeanine.

“Jewe ico novuga, ku bapfasoni b'ubu bakiri bato

n'abakobwa bakiri bato bokwihangana kuko bamwe

barafise abagabo abandi badafise abagabo bakarindira

muhira iwabo gushika aho bazoronka abagabo, n'ayo

bagiye kugira ubumaraya mw'ibarabara hoho nta kintu

bunguka nta na kimwe ni wa mugera nyene baba bagiye

kuyora.”

Ubukene buri muri iyo zone ni bwo butuma abo bigeme

bigenza gurtyo. Ahanini n'impfuvyi canke bava mu

miryango ikenye. Nk'uko twabiyagiwe n'urwaruka

n'abahumure, umwigeme akiri muto atora abagabo

bamuruta kuko ari bo bashoboye kumuha amahera

yomufasha. Ahandi naho, ibura ry'umuyagankuba n'iyindi

ntambamyi ituma ingeso y'ubushurashuzi yiyongera aho

muri quartier ya Buterere. Nimbona Deo, umuyabaga

twaganiriye, yemeza ko n'aho umubonano uba wabereye mu

bunywero, ubusambanyi bwobwo bukorerwa mugahwiji,

inyuma y'ibisaka canke ibiti. Avuga kandi ko uruja

n'uruza ruri hagati y'abanyabuterere n'abandi

banyagihugu baba mu mazone bahana imbibe canke ya

kure, ko rwongerereza abasanganywe iyo ngeso. Ku bwiwe

rero, sida si iyiriko irahera muri iyi minsi aravye

ingeso zihitiye aho atuye. Vyongeye, inzoga zitemewe

n'amategeko nka kanyanga, zikaze kandi zigurwa amahera

make muri iyo quartier y'abakene, ni zo atanga ko

akarorero:

“Hariho nk'umuntu ataranywa inzoga, uramubwira ivyo

ntabitahura. Hariho uwundi aba yanyoye n'aho ataba

yasambana aca abonerwaho. Abo rero kenshi bahuta

bafashwe kenshi. Turavye neza aha mu gisagara zone

Buterere ni yo iri ya mbere kuri sida kubera inzoga

zose zitarekuriwe n'amategeko, ibipfuye nabi vyose

biri mu Buterere kubera ni Cite itaratera imbere.”

Muri zone Buterere nta dukingirizo tuhagwiriye. Mu ma

boutique ane kw'icumi twagendeye kw'isamariro muri

Buterere ya kabiri, ntatwo twasanzeyo. Muri rusangi,

abadandaza ntibaha agaciro utwo dukingirizo. Ku bwabo,

ukwihangana nikwo kwikingira nyakuri. Vyongeye, kuri

bo, umuntu ashobora kugakoresha uno munsi, ejo

akakibagira akaba yanduye. Turetse ko mu ma boutique

ataduhari, no kuri dispensaire Centre Islamique iri

muri ico gice ni ukwo nyene. Muganga Jean-Paul

arongoye iryo vuriro, yatubwiye ko duhora tumuherana

akamara igihe atatundi afise. Arongera ati, igitigiri

c'abadukoresha n'iyo tuhari ni gito cane. Ku bwiwe,

ukwo kureka kudutora nta nsiguro gufise. Imiyabaga

twaganiriye yemeza yuko biva kw'isoni. Ivuga kandi ko

ari kwo bihora bigenda no mw'ikwiragizwa ryabwo

n'abaremeshakiyago. Ni nazo mvo zituma butarangurwa

n'abadandaza bamwe bamwe. Harerimana Yoshuwa atinya ko

yohava yikekwa n'umukoresha wiwe ko asambana.

Ukutatubazwa n'abaguzi ni ikindi citwazo cabo. Ahandi

naho, ku miyabaga, ukureka kudutora kuva ku bwoba

bw'ukwandura, kuko batazi neza ko bukomeye kugira ngo

bubakingire bikwiye. Umugabo nawe afise umugore yanka

kukagura ku mubanyi kuko yohava yibaza ko asambana.

Tuvyiganigwa na Ntakarutimana Bosco n'uwundi muyabaga:

“Ntituzi ko zica muri laboratoire, ntituzizeye ijana

kw'ijana..... n'ukwihangana kuko hari igihe utaba uzi

yuko bifise valeur canke yaheze mu gihe uyambaye naho

uba uyambaye ugomba kurangura arya mabanga utazi ko

igifise valeur urashobora kugira mauvaises

consequences wari uzi ko wiprotege.”

“Ntinya kukagura kuko je mfise umugore, uyu mugenzi

wanje nawe nta mugore afise kandi uyu mugenzi wanje no

muhira arahashika. Niyabona ndakaguze aza guca aja

kubibwira umugore wanje yuko ivyo bintu

ndabikora.....”

Nta kibanza na kimwe c'ukwipimishirizamwo umugera

w'indwara ya sida muri zone Butere. Nk'uko muganga

Jean-Paul arongoye dispensaire Centre Islamique

yabitubwiye, n'icahora ku Kiyange nko ku birometero

bitatu vy'iyo quartier, carugawe. Uwukeneye

kw'isuzumisha, arinda kuja mu yandi mazone nka

Mutakura yegukira Cibitoke, mu Kinama canke mu Buyenzi

ku bitaro Prince Regent Charles. Tumenyeshe ko

urugendo rugabura ayo ma quartier ari rurerure.

Ingaruka z'ukubura uburyo bw'ukwipimisha ni igitigiri

kigenda kiduga c'abandukizanya. Kuruhande rw'inyigisho

zerekeye ukurwanya ico kiza zitangwa rimwe ryonyene

mu mezi atatu n'abaremeshakiyago ba ABUBEF. Imvo n'uko

abazitanga ari bake. Bigisha ukwihangana hamwe

n'ugukoresha agafuko ku bo binaniye. Ku bw'iyo

miyabaga twaganiriye, izo nyigisho ntizikwiye.

Umushingantahe Nsabumutima Fidele, umuremeshakiyago

w'ishirahamwe ABCBAV riri kw'ijabe ati, abavuga ko

zidashimishije ni abigenza nabi:

“Nk'ababa bavuga ko izo nyigisho zidakwiye ni abo

bigenza nabi nayo ubundi inyigisho ng'aha mu Buterere

zirakwiye, ikiriho ni uko usanga bamwe bafise imigenzo

yabo y'ubushurashuzi, ugasanga bamwe bayigize n'iyo

migenzo.”

Mu ntumbero yo kurwanya ikiza ruhonyanganda sida,

imiyabaga yo muri zone Buterere isaba kuronswa

udukingirizo ku buntu. Bivuye ku masoni yo kudutorera

ahabona, Kanakimana Peteyake abona ko umuntu wese

yohabwa ikarato akishirira mu nzu. Bigirimana Claude

na we ati, ni dushirwe mu bibanza bitandukanye nko mu

ma bare, mu ma boutique n'ahandi. Ahandi naho,

inyigisho zifatiye k'ukumenya gukoresha n'ukubika neza

utwo dufuko zofasha. Vyongeye, izerekeye ukumenya sida

ico ari co ntizosigara inyuma kuko nk'uko umupfasoni

Mukeshimana Valentine abivuga, urwaruka rwinshi rwo

muri iyo quartier ntayo ruzi. Ku bwiwe, inyigisho

zikwiye zishimangiye zotuma urwaruka rurengera

ubukene. Ku ruhande rw'ibibanza vyo kwipimishirizamwo

navyo, ni ngombwa ko biboneka ku neza y'amagara

y'abahaba bose. Twumvirize umushingantahe Nsabumutima

Fidele.

“Ivyo bibanza ntibikwiye kuko benshi barabura umwanya

w'ukwiyaranja ngo bashike ahari ivyo vyuma vya

depistage....aho tugirira depistage nko ng'aha ni nko

kuri Prince Regent, harya kuri CMC ou mu Kinama aha

nk'iwacu, aha hariho utu dispensaire tudufasha twasaba

yuko naho nyene bishobotse ivyo vyuma bobibaronsa

kugira bashobore nabo kuza bararonka umwanya wo kuza

kugira nyene nk'abadashoboye kugira ngo bashike hariya

bisuzumishe hafi.

Inyifato y'urwaruka rwo muri zone Buterere ihindutse,

ivyipfuzo vyarwo bigashirwa mu ngiro, nta nkeka ko

ikiza ruhonyanganda sida coranduranwa n'imizi aho

iwabo.

XS
SM
MD
LG