Bamwe mu bigeme bo muri Zone ya Buterere ntibibanga ubusambanyi.
Nk'uko inkuru twatohoje zibivuga, ukubukorana n'abagabo boba
banganya imyaka na ba se nikwo gukaze. Ukuyerera mu
mabarabara no mu bunywero n'ingeso ibukwega. Twabwiwe
ko, guhera isaha y'icenda z'umuhingamo ukwo kuyerera
kuba gutanguye. Baranyuragiranwa mu mabarabara,
bagenda bongera bagaruka. Umugoroba ushitse, ukuja
kubarindira mu mabare nikwo gukurikira. Ubwo
busambanyi bwanduruka kuko basoroye hanyuma
bakaborerwa. Ku ruhande rw'urunganwe runegura iyo
nyifato, impanuro z'abavyeyi zijanye n'ukuyiheba ntaco
zishikako. Abavyeyi ubwabo bavuga ko ikwega ikiza
c'indwara ya sida. Tuvyiganigwa n'umupfasoni twasanze
ku kasoko k'aho mu Buterere, Nzohabonimana Jeanine.
“Jewe ico novuga, ku bapfasoni b'ubu bakiri bato
n'abakobwa bakiri bato bokwihangana kuko bamwe
barafise abagabo abandi badafise abagabo bakarindira
muhira iwabo gushika aho bazoronka abagabo, n'ayo
bagiye kugira ubumaraya mw'ibarabara hoho nta kintu
bunguka nta na kimwe ni wa mugera nyene baba bagiye
kuyora.”
Ubukene buri muri iyo zone ni bwo butuma abo bigeme
bigenza gurtyo. Ahanini n'impfuvyi canke bava mu
miryango ikenye. Nk'uko twabiyagiwe n'urwaruka
n'abahumure, umwigeme akiri muto atora abagabo
bamuruta kuko ari bo bashoboye kumuha amahera
yomufasha. Ahandi naho, ibura ry'umuyagankuba n'iyindi
ntambamyi ituma ingeso y'ubushurashuzi yiyongera aho
muri quartier ya Buterere. Nimbona Deo, umuyabaga
twaganiriye, yemeza ko n'aho umubonano uba wabereye mu
bunywero, ubusambanyi bwobwo bukorerwa mugahwiji,
inyuma y'ibisaka canke ibiti. Avuga kandi ko uruja
n'uruza ruri hagati y'abanyabuterere n'abandi
banyagihugu baba mu mazone bahana imbibe canke ya
kure, ko rwongerereza abasanganywe iyo ngeso. Ku bwiwe
rero, sida si iyiriko irahera muri iyi minsi aravye
ingeso zihitiye aho atuye. Vyongeye, inzoga zitemewe
n'amategeko nka kanyanga, zikaze kandi zigurwa amahera
make muri iyo quartier y'abakene, ni zo atanga ko
akarorero:
“Hariho nk'umuntu ataranywa inzoga, uramubwira ivyo
ntabitahura. Hariho uwundi aba yanyoye n'aho ataba
yasambana aca abonerwaho. Abo rero kenshi bahuta
bafashwe kenshi. Turavye neza aha mu gisagara zone
Buterere ni yo iri ya mbere kuri sida kubera inzoga
zose zitarekuriwe n'amategeko, ibipfuye nabi vyose
biri mu Buterere kubera ni Cite itaratera imbere.”
Muri zone Buterere nta dukingirizo tuhagwiriye. Mu ma
boutique ane kw'icumi twagendeye kw'isamariro muri
Buterere ya kabiri, ntatwo twasanzeyo. Muri rusangi,
abadandaza ntibaha agaciro utwo dukingirizo. Ku bwabo,
ukwihangana nikwo kwikingira nyakuri. Vyongeye, kuri
bo, umuntu ashobora kugakoresha uno munsi, ejo
akakibagira akaba yanduye. Turetse ko mu ma boutique
ataduhari, no kuri dispensaire Centre Islamique iri
muri ico gice ni ukwo nyene. Muganga Jean-Paul
arongoye iryo vuriro, yatubwiye ko duhora tumuherana
akamara igihe atatundi afise. Arongera ati, igitigiri
c'abadukoresha n'iyo tuhari ni gito cane. Ku bwiwe,
ukwo kureka kudutora nta nsiguro gufise. Imiyabaga
twaganiriye yemeza yuko biva kw'isoni. Ivuga kandi ko
ari kwo bihora bigenda no mw'ikwiragizwa ryabwo
n'abaremeshakiyago. Ni nazo mvo zituma butarangurwa
n'abadandaza bamwe bamwe. Harerimana Yoshuwa atinya ko
yohava yikekwa n'umukoresha wiwe ko asambana.
Ukutatubazwa n'abaguzi ni ikindi citwazo cabo. Ahandi
naho, ku miyabaga, ukureka kudutora kuva ku bwoba
bw'ukwandura, kuko batazi neza ko bukomeye kugira ngo
bubakingire bikwiye. Umugabo nawe afise umugore yanka
kukagura ku mubanyi kuko yohava yibaza ko asambana.
Tuvyiganigwa na Ntakarutimana Bosco n'uwundi muyabaga:
“Ntituzi ko zica muri laboratoire, ntituzizeye ijana
kw'ijana..... n'ukwihangana kuko hari igihe utaba uzi
yuko bifise valeur canke yaheze mu gihe uyambaye naho
uba uyambaye ugomba kurangura arya mabanga utazi ko
igifise valeur urashobora kugira mauvaises
consequences wari uzi ko wiprotege.”
“Ntinya kukagura kuko je mfise umugore, uyu mugenzi
wanje nawe nta mugore afise kandi uyu mugenzi wanje no
muhira arahashika. Niyabona ndakaguze aza guca aja
kubibwira umugore wanje yuko ivyo bintu
ndabikora.....”
Nta kibanza na kimwe c'ukwipimishirizamwo umugera
w'indwara ya sida muri zone Butere. Nk'uko muganga
Jean-Paul arongoye dispensaire Centre Islamique
yabitubwiye, n'icahora ku Kiyange nko ku birometero
bitatu vy'iyo quartier, carugawe. Uwukeneye
kw'isuzumisha, arinda kuja mu yandi mazone nka
Mutakura yegukira Cibitoke, mu Kinama canke mu Buyenzi
ku bitaro Prince Regent Charles. Tumenyeshe ko
urugendo rugabura ayo ma quartier ari rurerure.
Ingaruka z'ukubura uburyo bw'ukwipimisha ni igitigiri
kigenda kiduga c'abandukizanya. Kuruhande rw'inyigisho
zerekeye ukurwanya ico kiza zitangwa rimwe ryonyene
mu mezi atatu n'abaremeshakiyago ba ABUBEF. Imvo n'uko
abazitanga ari bake. Bigisha ukwihangana hamwe
n'ugukoresha agafuko ku bo binaniye. Ku bw'iyo
miyabaga twaganiriye, izo nyigisho ntizikwiye.
Umushingantahe Nsabumutima Fidele, umuremeshakiyago
w'ishirahamwe ABCBAV riri kw'ijabe ati, abavuga ko
zidashimishije ni abigenza nabi:
“Nk'ababa bavuga ko izo nyigisho zidakwiye ni abo
bigenza nabi nayo ubundi inyigisho ng'aha mu Buterere
zirakwiye, ikiriho ni uko usanga bamwe bafise imigenzo
yabo y'ubushurashuzi, ugasanga bamwe bayigize n'iyo
migenzo.”
Mu ntumbero yo kurwanya ikiza ruhonyanganda sida,
imiyabaga yo muri zone Buterere isaba kuronswa
udukingirizo ku buntu. Bivuye ku masoni yo kudutorera
ahabona, Kanakimana Peteyake abona ko umuntu wese
yohabwa ikarato akishirira mu nzu. Bigirimana Claude
na we ati, ni dushirwe mu bibanza bitandukanye nko mu
ma bare, mu ma boutique n'ahandi. Ahandi naho,
inyigisho zifatiye k'ukumenya gukoresha n'ukubika neza
utwo dufuko zofasha. Vyongeye, izerekeye ukumenya sida
ico ari co ntizosigara inyuma kuko nk'uko umupfasoni
Mukeshimana Valentine abivuga, urwaruka rwinshi rwo
muri iyo quartier ntayo ruzi. Ku bwiwe, inyigisho
zikwiye zishimangiye zotuma urwaruka rurengera
ubukene. Ku ruhande rw'ibibanza vyo kwipimishirizamwo
navyo, ni ngombwa ko biboneka ku neza y'amagara
y'abahaba bose. Twumvirize umushingantahe Nsabumutima
Fidele.
“Ivyo bibanza ntibikwiye kuko benshi barabura umwanya
w'ukwiyaranja ngo bashike ahari ivyo vyuma vya
depistage....aho tugirira depistage nko ng'aha ni nko
kuri Prince Regent, harya kuri CMC ou mu Kinama aha
nk'iwacu, aha hariho utu dispensaire tudufasha twasaba
yuko naho nyene bishobotse ivyo vyuma bobibaronsa
kugira bashobore nabo kuza bararonka umwanya wo kuza
kugira nyene nk'abadashoboye kugira ngo bashike hariya
bisuzumishe hafi.
Inyifato y'urwaruka rwo muri zone Buterere ihindutse,
ivyipfuzo vyarwo bigashirwa mu ngiro, nta nkeka ko
ikiza ruhonyanganda sida coranduranwa n'imizi aho
iwabo.