Abanyagihugu bari hafi ya 250 bagwiriyemwo urwaruka,
nibo bakoresha ku musi ku musi ibitabo biri mu bubiko
bw'ikigo Centre Jeunes Kamenge. Ibitabo bijanye
n'ivyigwa bifasha umunyeshule kwongerereza ubumenyi ku
vyo yize, ku wurangiza Kaminuza nawe, gutororokanya
insiguro zomwunganira mu kwandika igitabo. Gasaba
Simon yatubwiye ko aronka akaryo k'ugukora
imyimenyerezo igwiriye ugereranije no mw'isomero kuko
risanzwe rikenye ibitabo. Kazinduzi nayo ituma uwukiri
muto atahura amajambo agoye, igihe yiyibutsa ivyigwa.
Kubera ibinyamakuru naho, iyo miyabaga imenya ibiba
irya n'ino, n'ivyerekeye ubuzima bw'abantu
rurangiranwa. Mu gusoma igitabo Africa Footbal, Gacuba
Bienvenue yatwiganiye ko yashaka kumenya abakinyi nka
Dieudonne Rugba. Ikigo Centre Jeunes Kamenge
kirategekaniriza abanyeshule umwarimu abasigurira
ivyigwa bimwe bimwe. Aha twovuga nk'ibiharuro.
Akarusho, ni ugutahura gusumba. Gacuba Bienvenue na
Gasaba Simon Blaise ni imiyabaga twaganiriye.
“Kenshi hari nk'ibitabo mpora nkenera nk'ivya Maths,
ngakora ama exercices, bakabimpa ng'aho kuri
centre.... Irafise akamaro cane kuko turaza kurondera ibitabo,
ivyo kw'ishule bitariho, ng'aho tukabironka.”
“Mw'ishule si co kimwe no ng'aha. Kubera ng'aha
urabaza akagusigurira neza ukavyumva......araja ng'aho
akatwigisha, wewe uba ufise liberte y'ukubaza ico
ushaka, mw'ishule muba muri hamwe muri benshi hari
ivyo wumva n'ivyo utumva, adutwara buke buke ugatahura.”
Ukwunganira amashule mu bijanye n'inyigisho, niyo mvo
yatumye ico kigo gitanguza uwo mugambi. Kukaba nkakwo,
ayatari make afise ibitabo bidakwiye, ku yandi naho
ntabihari. Hamwe ntavyahigeze, ahandi vyahitanywe
n'ingwano. Umwarimu nawe nyene araharonkera akaryo
k'ugushimangira ubumenyi mu nsiguro atanga. Uko
asanzwe abigenza, ategura icigwa akurikije ubumenyi
afise. Ingaruka, ni uko adashobora kw'ishura bikwiye
ku bibazo vy'abana, nk'uko Claudio Marano arongoye ico
kigo abivuga. Akunguko umuzo w'ubwo bubiko bw'ibitabo
wa muzaniye ni ugutanga inyigisho zishimangiye.
Claudio Marano niwe abitubwira:.
“Kubera y'uko mu mashure menshi ata bitabo bihari,
umwarimu aca atanga icirwa afatiye ku vyo we azi,
ntamenye ko hariho kazinduzi(dictionnaire), n'ibindi
itabu bivuga ubumenyi bugezwe ho. Abanyeshure rero
batuma abigisha babo nabo baza ngaha, bagategura
ivyirwa vyabo imbere y'uko basubira kw'ishure.”
Mu ntumbero y'uko abana biyungura ubumenyi bikwiye
bari kw'ishule, ikigo Centre Jeunes Kamenge cagabiye
muri ino myaka ibiri iheze ibitabo vyagera kuri 35 mu
mashure yisumbuye. Mwomenya ko ubwo bubiko buharura
ibitabo bishika 14 000. Amafaranga y'umurengera
ibitabo bitozwa nibiro bicungera imbibe imbere
y'ukwinjira mu gihugu, atuma ububiko butaguka kuko aca
intege abagiraneza babitanga. Kuneza y'urwaruka
n'igihugu, ikigo Centre Jeunes Kamenge gisaba Reta
kworohereza abinjiza mu Burundi ibitabo.