Uko wahagera

Inzu y'Ibitabo mu Kamenge Ifasha Urubyiruko


Abanyagihugu bari hafi ya 250 bagwiriyemwo urwaruka,

nibo bakoresha ku musi ku musi ibitabo biri mu bubiko

bw'ikigo Centre Jeunes Kamenge. Ibitabo bijanye

n'ivyigwa bifasha umunyeshule kwongerereza ubumenyi ku

vyo yize, ku wurangiza Kaminuza nawe, gutororokanya

insiguro zomwunganira mu kwandika igitabo. Gasaba

Simon yatubwiye ko aronka akaryo k'ugukora

imyimenyerezo igwiriye ugereranije no mw'isomero kuko

risanzwe rikenye ibitabo. Kazinduzi nayo ituma uwukiri

muto atahura amajambo agoye, igihe yiyibutsa ivyigwa.

Kubera ibinyamakuru naho, iyo miyabaga imenya ibiba

irya n'ino, n'ivyerekeye ubuzima bw'abantu

rurangiranwa. Mu gusoma igitabo Africa Footbal, Gacuba

Bienvenue yatwiganiye ko yashaka kumenya abakinyi nka

Dieudonne Rugba. Ikigo Centre Jeunes Kamenge

kirategekaniriza abanyeshule umwarimu abasigurira

ivyigwa bimwe bimwe. Aha twovuga nk'ibiharuro.

Akarusho, ni ugutahura gusumba. Gacuba Bienvenue na

Gasaba Simon Blaise ni imiyabaga twaganiriye.

“Kenshi hari nk'ibitabo mpora nkenera nk'ivya Maths,

ngakora ama exercices, bakabimpa ng'aho kuri

centre.... Irafise akamaro cane kuko turaza kurondera ibitabo,

ivyo kw'ishule bitariho, ng'aho tukabironka.”

“Mw'ishule si co kimwe no ng'aha. Kubera ng'aha

urabaza akagusigurira neza ukavyumva......araja ng'aho

akatwigisha, wewe uba ufise liberte y'ukubaza ico

ushaka, mw'ishule muba muri hamwe muri benshi hari

ivyo wumva n'ivyo utumva, adutwara buke buke ugatahura.”

Ukwunganira amashule mu bijanye n'inyigisho, niyo mvo

yatumye ico kigo gitanguza uwo mugambi. Kukaba nkakwo,

ayatari make afise ibitabo bidakwiye, ku yandi naho

ntabihari. Hamwe ntavyahigeze, ahandi vyahitanywe

n'ingwano. Umwarimu nawe nyene araharonkera akaryo

k'ugushimangira ubumenyi mu nsiguro atanga. Uko

asanzwe abigenza, ategura icigwa akurikije ubumenyi

afise. Ingaruka, ni uko adashobora kw'ishura bikwiye

ku bibazo vy'abana, nk'uko Claudio Marano arongoye ico

kigo abivuga. Akunguko umuzo w'ubwo bubiko bw'ibitabo

wa muzaniye ni ugutanga inyigisho zishimangiye.

Claudio Marano niwe abitubwira:.

“Kubera y'uko mu mashure menshi ata bitabo bihari,

umwarimu aca atanga icirwa afatiye ku vyo we azi,

ntamenye ko hariho kazinduzi(dictionnaire), n'ibindi

itabu bivuga ubumenyi bugezwe ho. Abanyeshure rero

batuma abigisha babo nabo baza ngaha, bagategura

ivyirwa vyabo imbere y'uko basubira kw'ishure.”

Mu ntumbero y'uko abana biyungura ubumenyi bikwiye

bari kw'ishule, ikigo Centre Jeunes Kamenge cagabiye

muri ino myaka ibiri iheze ibitabo vyagera kuri 35 mu

mashure yisumbuye. Mwomenya ko ubwo bubiko buharura

ibitabo bishika 14 000. Amafaranga y'umurengera

ibitabo bitozwa nibiro bicungera imbibe imbere

y'ukwinjira mu gihugu, atuma ububiko butaguka kuko aca

intege abagiraneza babitanga. Kuneza y'urwaruka

n'igihugu, ikigo Centre Jeunes Kamenge gisaba Reta

kworohereza abinjiza mu Burundi ibitabo.

XS
SM
MD
LG