Iyo ngingo yafashwe mu gihe abajejwe ivy'ubuvuzi mu ntara ya Rutana bemereje ko ico kiza cateye muri iyo ntara. Abantu 18 bose bapfiriye i muhira i Bukemba mu ntara ya Rutana kuva kw'igenekerezo rya 6 gushika ku rya 12 bose bahitanywe n'ingwara ya Mugiga nk'uko vyemejwe n'umuganga ajejwe intara y'ubuvuzi ya Rutana Antoine Sindayigaya.
Gushika ubu abajejwe ubuvuzi bahora bayinuganuga bafatiye ku mikorobe yihwezwa mu vyuma vya Laboratoire hamwe n'ibimenyetso vyibonekeza ku barwayi.
Abajejwe ubuvuzi basaba ko icandaga ryoba ku babana mu nzu bose n'uwayisuzumwe.
Incanco zari zisanzwe mu bubiko bw'ubushikiranganji bw'Uburundi bujejwe amagara y'abantu ziramaze gushikanwa ku murwa mukuru w'intara ya Rutana.
Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.