Uko wahagera

PAM Igiye Gufasha Abantu Ibihumbi 500 Bashonje


Bujumbura, ku wa 20 Nzero

Ishirahamwe ryitaho ibifungurwa kw’isi rimenyesha y’uko rigiye gutanga imfashanyo y’ivyokurya ku banyagihugu bagera ku majana atanu bageramiwe n’inzara mu ntara zo mu buraruko bw’igihugu.

Itangazo ryavuye i Nairobi rimenyesha y’uko iyo mfashanyo yerekeye intara za Muyinga na Kirundo mu buraruko w’Uburundi. Abantu barenga ijana baramaze guhitanwa n’inzara muri izo ntara ukwo ari zibiri kuva mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka uheze.

Twibutse y’uko iyo nzara yateye muri ico gice c’igihugu cahora cimbuka kurusha ibindi yavuye ku mwimbu muke utewe n’uruzuba hamwe n’ikivura cinshi. Iyo ngorane yaje ikurikirana n’amagume ahahitiye kuva ingwano yaduka haraheze imyaka irenga icumi.

Mu mwaka uheze w’2004 ishirahamwe PAM ryatanze mfashanyo y’ibifungurwa ingana n’imiriyoni 4 n’igice z’amadollars y’abanyamerika. Abategetsi baryo bamenyesha y’uko rifise ibifungurwa bikwiye vyo gufashisha abanyagihugu mu kiringo co kuva kuva mu kwezi kwa gatandatu gushika mu kwezi kw’icumi na kabiri muri uno mwaka.


Shakira andi makuru yo mu karere

XS
SM
MD
LG