Abakora urudandazwa njabukambibe mu Burundi, na cane cane abaherereye aho Uburundi buhanira urubibe na Republika ya Demokarasi ya Kongo barahagaritse urwo rudandazwa kubera umutekano muke.
Bavuga ko intambara zibera mu gihugu ca kongo ziriko zibatera agahombo kanini kandi batabona iyo bazokura amafaranga yo kwishura amadeni batse mu mabanki.
Abadandaza bo mu ntara ya Cibitoke iri mu buraruko bushira uburengero bw'Uburundi bakora urudandazwa njabukambibe, bavuga ko intambara zibera muri kongo zatumye bagira agahombo kanini.
Ingaruka mbi y’ako gahombo n’ingene amabanki canke amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana azobafata mu kanigo hamwe iyo ntambara ihuza abasirikare ba Kongo n’abagwanyi b'umuhari M23, itohagara.
Eka n’abakorera mu masoko y’ i Bujumbura, umurwa mukuru w’ ubutunzi, baba Abakongomani canke Abarundi, na bonyene bavuga ko babona ingaruka mbi z’intambara zibera muri kongo.
Umwe mu Bakongomani bunguruza abantu, bakorera kw’ isoko, benshi bita kwa Siyoni, yabwiye Ijwi ry'Amerika ko akazi kahagaze, kandi ko n'abadandariza muri iyo soko ata baguzi baturuka muri Kongo bakironka nkuko vyahoze, kuva izo ntambara zitanguye muri ico gihugu kibanyi. Bavuga ko bariko bakora bahomba kuko Abakongomani ari bo babagurira ku bwinshi, bazanye amafaranga y’agaciro.
Ibiharuro Ijwi ry’Amerika rikura ku rubuga rw’ ibanki nkuru y’ igihugu, vyerekana ko ica gatatu c’ibidandazwa bivuye mu Burundi bishorwa mu gihugu ca Kongo. Urwo rubuga ruvuga ko mu mwaka uheze wa 2024, Uburundi bwinjije imiliyaridi 121 zivuye muri Kongo.
Umuhinga mu vy’ubutunzi Diomède Ninteretse yakwirikiraniye hafi ico kibazo, avuga ko agahombo kagiye kuba kanini haba kuri abo bakora urudandazwa ndengambibe, no ku gihugu nyene.
Ubushikiranganji bw’ubudandaji n’amahinguriro bubicishije ku muvugizi wabwo, burahumuriza abo badandaza ko Leta y’ Uburundi itareze amaboko. Onesime Niyukuru, asaba abo badandaza kuraba izindi nzira bocishamwo ibidandazwa vyabo ngo kuko mu ntambara ubuzima bubandanya.
Ibidandazwa vyahora bishorwa mu buseruko bwa kongo bikinjiza amafaranga avuye mu makori n’amatagisi, ni ifu y’ingano, ibinyobwa vy’ihinguriro rya BRARUDI, itabi hamwe n’amasabuni.
Intambara zadutse muri Kongo, zaragize ingaruka mbi ku butunzi bw’ igihugu c’Uburundi gihanzwe muri kino gihe n’ubukene bw’ igitoro n’ amafaranga y’agaciro mvamakungu.