Uko wahagera

Amerika Irasaba ko Intambara Ibera mu Buseruko bwa Kongo Ihagarara


Umushikiranganji w'imigenderenire n'amakungu w'Amerika Marco Rubio yaheruka kuvugana n'abakuru b'u Rwanda na Kongo
Umushikiranganji w'imigenderenire n'amakungu w'Amerika Marco Rubio yaheruka kuvugana n'abakuru b'u Rwanda na Kongo

Reta ya Amerika yasubiye gutera akamo gasaba ko intambara iriko ibera mu buseruko bwa Kongo, aho abarwanya ubutegetsi bafashe intara n’ibisagara bitari bike mu misi iheze, irangira.

Mu kiganiro umuvugizi w’ubushikiranganji bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bujejwe imigenderanire, Tammy Bruce, yahaye abamenyeshamakuru ku musi wa kane, ku vyerekeye aho reta ya Amerika ihagaze ku ruhagarara mu buseruko bwa Kongo, yarasubiye kugaruka ku vyari vyashikijwe n‘umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Amerika, Marco Rubio, yaheruka kuvugana na Prezida w’u Rwanda, Paul Kagame n’uwa Kongo, Felix Tshisekedi.

Tammy Bruce yagize ati: “Turashigikiye cane Abanyekongo hamwe n’ubwigenge bw’igihugu cabo ca Republika ya Demokrasi ya Congo. Ndashobora kuvuga ko mu kamo yateye abakuru b’ivyo bihugu uko ari bibiri, Marco Rubio yasavye ko haba agahengwe mu maguru masha, maze n’agateka ka zina muntu kakubahirizwa, abagatyoza nabo, bagakubitwa intahe mu gahanga. Yarasavye abo bategetsi uko ari babiri kwubahiriza ubwigenge n’imbibe vy’ibihugu”

Umuvugizi Tammy Bruce yavuze ko Reta ya Amerika ishigikiye utwigoro two kurondera amahoro turongowe na Prezida wa Angola Joao Lourenco, twashoboye gushika mu masezerano y’agahengwe mu mwaka uheze, hamwe n’akamo katewe n’igihugu ca Kenya gasaba ko haba ibiganiro no guhagarika ingwano.

“Twiteze kubona abo bategetsi basubiye mu nzira y’amahoro iriko itunganywa na Angola hamwe na Kenya, kandi ko bafata ingingo yo kurangiza intambara”

Uyu muvugizi yasiguye ko Reta ya Amerika ibandanya kandi izoguma ishigikiye utwigoro two kurondera amahoro hagati y’ivyo bihugu. Ubumwe bwa Afrika, akanama k’ishirahamwe mpuzamakungu kajejwe agateka ka zina muntu, hamwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, vyariyamirije ubwicanyi bubera mu buseruko ba Kongo hamwe n’ibitero vy’umurwi M23 urwanya ubutegetsi. Ishirahamwe mpuzamakungu hamwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bivuga ko u Rwanda rushigikiye abarwanyi b’umurwi M23, kandi rwarungitse inteko muri Kongo. Yamara u Rwanda rurabihakana.

Mu nama nkuru y’Ubumwe bwa Afrika I Addis Abeba, bamwe mu bategetsi bo muri Afrika, barashikirije amakenga bafise ku ngingo ya reta ya Amerika yo guhagarika imfashanyo mu kiringo c’imisi 90, n’ingaruka ishobora kugira ku bikorwa vyo kugarukira imbabare muri Afrika, zirimwo ibura ry’ibifungurwa hamwe n’imiti.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Amerika bujejwe imigenderanire, Tammy Bruce, yarashigikiye iyo ngingo ya Amerika, yongera avuga izoha akaryo ubutegetsi bwa Prezida Trump ko gusubira kwihweza neza ukuntu iyo mfashanyo ikoreshwa n’abo ihabwa. Yavuze ko reta ya Amerika iriko yihweza ibiriko bigenda neza n’ibitagenda neza.

“Iyo ngingo ntivuga ko tutazobandanya gutanga imfashanyo. Intumbero yayo ni ukwiheza ukuntu tuzohora dutanga imfashanyo. Ni ukuraba niba bikorwa mu buryo bwiza canke bidakorwa mu buryo bwiza”

Umuvugizi Tammy Bruce yavuze ko reta ya Amerika yatanze uburenganzira bwo kubandanya gufasha mu migambi nkoramutima yo kugarukira ubuzima bw’abanyagihugu.

Yorongeye yibutsa kandi ko hari uburyo bwo gushikira ubushikiranganji bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bujejwe imigenderanire ku bijanye no gusaba ko imfashanyo runaka ibandanya gutangwa.

Forum

XS
SM
MD
LG