Uko wahagera

RDC: Joseph Kabila Yatanguje Ibiganiro vya Politike


Felix Tshisekedi na Joseph Kabila
Felix Tshisekedi na Joseph Kabila

Joseph Kabila, yahoze ari Prezida wa Republika ya Demokrasi ya Kongo, yaratanguje ibiganiro n'abanyapolitike batavuga rumwe na reta y'ico gihugu kuri kazoza kaco ka politike.

Ivyo biganiro birimwo n’abari mu mashirahamwe aserukira inyungu z’abanyagihugu. Prezida wa Kongo, Felix Tshisekedi, na Joseph Kabila yahoze ayoboye ico gihugu, barigeze gufpundika amasezerano yo gusangira ubutegetsi inyuma y’amatora yabayemwo amatati mu mwaka w’i 2018. Yamara Tshisekedi yagiye aragabanya inguvu za politike z’uwo yasubiriye mu kumwagiriza ko yabaye intambanyi ku migambi yiwe yo guhindura ibintu mu gihugu.

Imigenderanire hagati y’abo bategetsi 2 yaratosekaye ku buryo, mu gihe umurwi M23 wariko utera uja mu gisagara ca Bukavu kigira kabiri mu bunini mu buseruko bwa Kongo, mu kwezi guheze, Tshisekedi yabwiye abari mu nama yerekeye umutekano yariko ibera mu gisagara ca Munich, mu Budagi, ko Kabila yafashije abarwanya ubutegetsi.

Joseph Kabila ntaco yatangaje ku mugaragaro ku bijanye n’uruhagarara ruri mu buseruko bw’igihugu canke ngo yishure ku birego vya Tshisekedi igihe yashira ahabona urwandiko mu kinyamakuru co muri Afrika y’epfo kw’italiki 23 y’ukwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka.

Muri urwo ndandiko, Kabila yagirije Tshisekedi ko yarenze kw’ibwirizwa shingiro, ariko ahonyanga agateka ka muntu kandi ajana igihugu mu ntambara.

(REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG