Uko wahagera

Burundi: Ibiciro vyo Gupanga Amazu Vyaduze Kubera Intambara ya Kongo


b
b

Mu Burundi, iduga ry’ibiciro vyo gupanga amazu ryabaye ndanse, aho kuri ubu abari basanzwe bayapanzemwo basohorwamwo kuko badashoboye kuyariha, bagasubirizwa n’abakongomani bariko bahungira mu Burundi kuko bobo bariha amadolari.

Abanyagihugu bavyemeza, baba mu ntara zitandukanye z’Uburundi babwiye Ijwi ry'Amerika ko iki kibazo kije co kuduza ibiciro vy'amazu, kije ciyongera ku buzima bwari busanzwe bubagoye kubera ubukene bubugarije.

Umwe mu bakenyezi adandaza ibintu bibayabaye akaba atunze umuryango w’abantu 5, avuga ko ivyo bisumamwo muri kino gihe bitakibasha kubarihira inzu babamwo.

Kuri ico kibazo c’amazu yo gupangisha aduzwa ibiciro, abo banyagihugu bavuga ko ubu hoho vyayangaye bitewe n’impunzi z’abanyekongo zahungiye ku bwinshi mu gihugu c’Uburundi.

Aha bagasigura ko hari bamwe muri abo bahunze bafise amafaranga y’agaciro mvamakungu y’amadolari baca baja kurondera amazu babamwo bakariha ku buryo bworoshe.

Aha rero niho abo banyagihugu bavuganye n’abakunzi b’Ijwi ry’Amerika basigura ko muri kino gihe basohorwa mu mazu mu gihe badashoboye kuriha igiciro baba babwiwe n’uwubakodesheje, bagasohorwamwo.

Ariko kandi naho biri uko, hari bamwe muri abo banyagihugu bagaruka bakavuga ko banyene amazu n’abo batarira busema mu kuduza amazu yabo kuko ubuzima muri kino gihe bwazimvye ndetse n’amakori akaduzwa cane.

Abo banyagihugu bakotesha amazu mu Burundi, bavuga ko ingaruka mbi ari nyinshi muri kino gihe, kuko ibiciro vyongerekana cane ariko aho bakura hakabandanya kubura. Bagasaba ko botuma baronswa igitoro ibikorwa bikabandanya uko vyahoze kuko bituma n’abadafise akazi bakaronka.

Kuri iki kibazo, umwe mu bashingamateka yavuganye n’abakunzi b'Ijwi ry'Amerika avuga ko Reta yari ikwiye gushiraho ibiciro ntarengwa ku mazu yo gukotesha kugira ngo hatagira abikika mu kiza mu gufatira ku gakanu abapanga amazu.

Aha kandi n’umunyamategeko Anaclet Hakizimana yaganiriye n’abakunzi bacu, avuga ko itegeko rigenga uburyo bwo gukotesha amazu mu Burundi riheruka mu mwaka w’1988, naho nyene akavuga ko ritari ryuzuye ari naco gituma abanyagihugu bakotesha muri kino gihe babangamiwe cane.

Kuri micro z’abakunzi bacu, ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu bwishura ku kibazo c’iduga ry’amazu muri iyi minsi mu Burundi, buvuga ko bene amazu borekeraho gusohora abari babapangiye bitwaje ababaha amafaranga y’agaciro kuko uwuzobifatirwamwo azobihanirwa.

Ku kijanye n’itegeko ryoshirwaho rigenga uburyo bukurikije amategeko bwo gupangisha amazu yo kubamwo no kutaduza uko bishakiye mu makaritiye atandukanye ubushikiranganji ntaco burarivugako. Gusa, baba abashingamateka ndetse n’abanyamategeko basaba ko buri karitiye yoshirirwaho amafaranga ntarengwa yo gukotesha bagendeye uko inzu ingana n’uko isa ndetse n’aho iri.

Forum

XS
SM
MD
LG