Uko wahagera

Burundi: Abamenyeshamakuru Bidoga ko Bataronswa Amakuru y'Intambara ya Kongo


Abarongoye ibimenyeshamakuru mu Burundi baridoga ko bafise intambamyi mu gushikira amakuru ajanye n’ingwano iriko ibera mu buseruko bwa Kongo. Babivugiye mu nama yabahuje n’uwurongoye inama nkuru y’igihugu ijejwe kugenzura ibimenyeshamakuru CNC, kuri uyu wa 3, i Bujumbura.

Bimwe mu bibazo vyagiye biragarukwako cane n’abarongoye ibimenyeshamakuru muri iyo nama, n’ibijanye no kutaronka amakuru ku ngwano imaze iminsi ibera mu buseruko bwa Congo, hagati y’umugwi wa M23 n’abasoda b’Uburundi.

Abakunzi b’Ijwi ry'Amerika bashoboye kwitaba iyi nama, bavuga ko abagiye barafata ijambo bavuze ko bataronka abategetsi bo mu bushikiranganji butandukanye bwerwa n’ibibazo bivuye ku ngaruka z’iyi ngwano, kugira bagire ico babivuzeko.

Stany Nahayo arongoye radiyo Nderagakura ikukira ubushikiranganji bw’indero, yabajije ikibazo c’ico CNC yofasha abamenyeshamakuru kugira bashobore gushikira ayo makuru.

Uwurongoye inama nkuru y’igihugu ijejwe kugenzura ibimenyeshamakuru CNC, Esperance Ndayizeye mu nyishu yatanze, asa n’uwahagaze ahanini ku kugabisha abazokora amakuru yerekeye iyo ngwano yo mu buseruko bwa Kongo.

Esperance yagize ati:" Gutanga amakuru ku ngwano iriko ibera mu buseruko bwa Kongo, ni ukubikora uzi neza ko amakuru uruko uratanga ari amakuru watohoje neza, kandi uwuyagushikirije ari umuntu ataho ahengamiye, nkuko inkuru zose mushikiriza zitegerezwa kuba inkuru ataho zihengamiye. Hama kandi, kubera y'uko ikimenyeshamakuru kitaba gifise umuntu carungitse ngo aje gutohoza ayo makuru, ni co gituma tuvuga tuti, gerageze mukore ku neza y'igihugu muri mwo, kandi mumenye ko inkuru muriko muratanga ari inkuru iba itohojwe."

N’ubwo inyishu yatanzwe uko, indongozi z’ibimenyeshamakuru zabandanije gusigura ko ibimenyeshamakuru bikorera mu Burundi bikwiye gutanga amakuru ku bwinshi yerekeye iyo ngwano yo mu buseruko bwa Kongo.

Bafatira ko Reta yafashe iya mbere mu kurungika abasirikare gufasha Kongo muri iyo ngwano, kuba uturere turiko tuberamwo ingwano duhana urubibe na tumwe mu turere tw’Uburundi kandi ingaruka zitandukaye zikaba zimaze kwibonekeza mu gihugu.

Zimwe muri izo ngaruka ni impunzi zirenga 30 000 zimaze kwakirwa mu gihugu hamwe n’urudandazwa njabukambibe rwagabanutse, ndetse n’urwo hagati mu gihugu.

Uretse n’iyo ngwano, abayobozi b’ibimenyeshamakuru ntibahengeshanije kuguma bagaruka ku ngorane abamenyeshamakuru bama bagize ku bijanye no kutaronka inkuru zitangwa n’abajejwe ibisata bitandukanye vya Reta.

Abakorera ibimenyeshakakuru vyingenga muri iyo nama baridoze, bavuga ko iyo bari kurondera amakuru, rimwe na rimwe batayaronswa kuko badakorera ibimenyeshamakuru vya Reta.

Hari n’abamenyeshamakuru bavuze ko bimaze gushika bagakubagurwa, babizira. Nadège Izerimana akorera Television Tanganyika yatanze akarorero k’ingene we na mugenzi we, bakubiswe, n’ibikoresho vyabo bikononekara mu kwezi kw’umunani kw’umwaka uheze bariko batohoza inkuru y’uwunyonga ipikipiki yari yakubiswe n’abaporisi muri zone Kanyosha.

Esperance Ndayizeye arongoye CNC, yishuye kuri ico kibazo avuga ko muri reta ata vyo bamenyeshejwe. Anasaba ko uwo bishikiye akwiye guca abibwira bamwe mu bakozi ba CNC. Ku bijanye n’ico CNC yofasha ku ngorane zo kudashikira amakuru ku bamenyeshamakuru muri rusangi, Esperance yishuye asa n’ uwushira amakosa kubamenyeshamakuru, ko ubwabo bakwiye kumenya uko bigenza.

Ibindi bibazo bitasigaye inyuma ni ibijanye n’amatora yimirije mu gihugu, nk’abamenyeshamakuru batararonswa amakarata y’umwuga, ingene bazokora.
Indongozi z’ibimenyeshamakuru zasavye kandi ko CNC yotanga amakarata aranga abimenyereza mu mwuga wo kumenyesha amakuru hamwe n’abakorerabushake muri uwo mwuga, nk’uko biri mw’itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru mu Burundi.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru Ijwi ry'Amerika yateguye iciye ku bakunzi bayo mu Burundi

Burundi: Abamenyeshamakuru Bidoga ko Bataronswa Amakuru y'Intambara ya Kongo
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:49 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG