Ibitigiri vy’abahitanwa n’indwara ya maralia vyariyongereye mu nkambi za Nduta na Nyarugusu, ivyo bitigiri vyerekana ko abugarijwe cyane ari abana bari munsi y’imyaka itanu aho abana 9 gushika kuri 16 bapfa buri cumwero.
Umuyobozi mukuru w’inkambi ya Nyarugusu aserukira ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwana Siasa Manjenje yabwiye abanyamakuru ko uwo mubare w’abahitanwa na maralia ugeze ku bice 40 kw’ 100 umwaka ku mwaka, ugereranije n’izindi ndwara zisanzwe zibangamiye abana bari munsi y’imyaka itanu mu nkambi za Nduta na Nyarugusu.
Yasiguye nanone ko ico kibazo kimaze hafi imyaka itatu kuva gitanguye bivanye n’uko infashanyo ku mpunzi zagabanijwe.
Bwana Manjenje yemeza yuko abaronswa imisegetera n’inzitiramibu batarenga ibice 20 kw’100 mu nkambi za Nduta na Nyarugusu ku buryo malariya itera yiyongera.
Gupima iyo ndwara mu mavuriro ari mu nkambi za Nduta na Nyarugusu no kuronswa imiti ihagije naco ni ikibazo gituma ibitigiri vy’abandura malariya bitera vyiyongera. Nk’uko bamwe mu mpunzi babitubwiye ikibazo c’ubuvuzi no kubura infashanyo zikwiye mu buzima bwo mu buhungiro ni kimwe mu bibazo vyagiye birasinzikaza ubuzima bw’impunzi.
Ibitigri vyanyuma biheruka gutangwa na HCR mu mpera z’ukwezi kwa 12 umwaka ushize w’ 2024 vyerekana yuko impunzi z’Abarundi zisigaye mu gihugu ca Tanzaniya zishika 144,519. Mu nkambi ya Nduta hatuye impunzi z’Abarundi 56,531 mu gihe mu nkambi ya Nyarugusu hasigaye 47619, mu gihe abandi barenga ibihumbi 30 babarizwa mu bindi bisagara vya Tanzaniya.
Umugambi wo gutahukana impunzi zose wari wapanzwe na reta ya Tanzaniya mu mpera z’umwaka ushize ntiwashizwe mu ngiro. Naho biri uko, zimwe mu mpunzi zatubwiye ko ubuzima bwazo bwagiye burasinzikara cyane mu gihe infashanyo zagabanijwe ku rugero runini.
Forum