Umurwi urwanya ubutegetsi bwa Kongo M23 washitse hagati mu gisagara ca Bukavu kiza ubwa kabiri mu bunini mu bisagara bigize ubuseruko bwa Kongo, wongera wigarurira ibiro bikuru vy’intara ya Kivu y’Epfo.
Ibitangazamakuru bitandukanye birimwo mpuzamakungu nk’itororokanirizo ry’amakuru y’Abanyamerika, AP, iry’Abafaransa, AFP, n’iry’ay’Abongereza, Reuters, bifise abamenyeshamakuru ku rubuga, bivuga ko abarwanyi ba M23 binjiye hagati muri Bukavu bitagoranye, kuko benshi mu basirikare ba FARDC n’abo bafatikanije urugamba bari bahunze ku wa gatandatu.
Reuters iti: “ Buramatari w’intara ya Kivu y’Epfo, Jean-Jacques Purusi, yatwandikiye ubutumwa bwemeza ko bashitse hagati muri Bukavu avuga ko ingabo za Kongo zari zakinjuye kugira ngo zirinde ko haba ingwano ibera mu gisagara ahari abanyagihugu.”
Amavidewo atandukanye yahanahanywe ku mbugangurukanabumenyi, yerekana abanyagihugu bo hagati mu gisagara Bukavu bariko bakirana yompi abarwanyi ba M23.
Itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa AFP, riri ku rubuga rivuga ko mu bo ryiboneye, hari abaja baragira bati: “Ni mwebwe twari turindiriye. Turakeneye impinduka muri iki gihugu. Muje kuducungura. Dushaka ko mugenda gushika Kinshasa”. Abanyagihugu baja baracishamwo bifotozanya n’abo barwanyi.
Ku rundi ruhande ariko, mu nama y’umutekano prezida wa Kongo Felix Tshisekedi yakoresheje uno munsi ari I Kinshasa, yavuze ko ingabo za Kongo ari zo zigenzura igisara ca Bukavu, ati: “ M23 yarateye gato Bukavu, ariko ubu iri mu minwe yacu.” (AFP, AP, REUTERS)
Forum