Ubumwe bwa buraya bugabisha ko bwiteguriye gufata ingingo zihuta inyuma yaho umurwi wa M23 wigaruriye ikibuga c’indege ca Kavumu kiri I Bukavu ku murwa mukuru w’intara ya Kivu y’Epfo muri Kongo.
Anouar El Anouni avugira komisiyo y’ubumwe bwa Buraya abicishije ku rubuga rwa X, yanditse ko uwo muryango uhangayikishijwe n’amakuru avuga ko M23 yoba yinjiye mu burere butandukanye bwa Bukavu agira ati: “ Ubumwe bwa Buraya buriko burarimbura vyihutirwa ico bwokora. Ukubangamira ubwigenge bwa Kongo kubandanya, ntigushobora kwijana.”
Ubufaransa nabwo bwasavye M23 guhagarika vyihuse ico bwise “igitero uwo murwi wagavye mu gisagara ca Bukavu kiri mu buseruko bwa Kongo”, bwongera busaba ingabo z’ u Rwanda “ zishigikiye uwo murwi kuva ku butaka bwa Kongo bidatevye.”
Itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Ubufaransa n’ayandi makungu rigira riti: “ Ubufaransa buriteguye gufatira ibindi bihano impande zitandukanye zifise uruhara mu mutekano muke wa Kongo.”
Ubumwe bwa buraya n’Ubufaransa bigabishije mu gihe I Addis Abeba muri Etiyopiya hariko habera inama igira 38 y’umuryango w’ubumwe bwa Afurika.
Muri iyo nama iriko ishimikira cane ku mutekano wa Kongo, umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, nawe yasavye ashimitse ko ico yise “ Ubwigenge n’ubusugire bwa Kongo” vyubahirizwa, impande zitandukanye zigakora ibishoboka kugira intambara iri muri Kongo ntikwire mu karere kose.
Guterres yasavye ko haba ibiganiro, avuga ko umuti w’ikibazo ca Kongo utazova mu bikorwa vya gisirikare. Yabwiye abamenyeshamakuru bari I Addis Abeba, ko umuti ubwirizwa gutorwa na banyene ibibazo agira ati: “ Umuti uri ngaha muri Afurika.”
Prezida w’u Rwanda Paul Kagame ari mu bari mu nama yo muri Etiyopiya, co kimwe na Prezida Evariste Ndayishimiye w’Uburundi, igihugu kiri ku ruhande rwa Kongo muri ino ntambara M23 ibandanya bivugwa ko ishigikiwe n’u Rwanda ibandanya guhanganamwo n’abasirikare ba kongo, bari kumwe n’umurwi wa Wazalendo.
Prezida wa Kongo Felix Tshisekedi we ntiyitabiriye ino nama yatanguye uno munsi ku wa gatandatu ikaba izohera ku wa Mungu. Umwe mu bari mu butegetsi bwiwe, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ko yasivye kugira akurikiranire hagufi ivy’umutekano wa Kongo, na rirya M23 ibandanya kwigarurira ibindi bice birimwo ivy’umurwa mukuru wa Kivu y’Epfo, Bukavu”
Forum