Uko wahagera

Kongo: M23 Yigaruriye Ikibuga c'Indege ca Kavumu Kiri Hafi ya Bukavu


Abarwanya ubutegetsi bwa Republika ya Kongo bo mu murwi M23, bigaruriye ikibuga c'indege ca Kavumu kiri hafi y'igisagara ca Bukavu. Abantu babiri bakora ku kibuga c’indege ca Kavumu, gikoreshwa cane cane n’abakozi b’amashirahamwe ategamiye reta n’igisirikare, mu ngendo zabo, mu gitondo co kuri uyu wa gatanu, babwiye itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, ko ikibuga c’indege ca Kavumu cugawe. Batangaje ko inteko za reta ya Kongo zamaze kuva kuri ico kibuga, kandi ko zahavanye ibikoresho vya gisirikare birimwo drone n’indege z’igisirikare.

Umuvugizi w’urunani rw’abarwanya ubutegetsi bwa Kongo, Alliance Fleuve Congo, AFC, mu mpfunyapfunyo, rurimwo umurwi M23, mu butumwa ku rubuga X, yavuze ko abarwanya ubutegetsi bagenzura ikibuga c’indege ca Kavumu n’ibice biri mu micungararo yaco. Hari n’uwundi Muntu umwe mu bajejwe umutekano yavyemeje. Ni mu gihe imbere y’aho, amakuru yatanzwe n’ishirahamwe ONU n’abaserukira ibihugu vyabo hamwe n’umurwi M23 yatangaje ko abarwanya ubutegetsi bashikiye ikibuga c’indege ca Kavumu.

Amasanamu ya videwo yafashwe n’umuntu aba mu gisagara ca Kavumu, itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters ryashoboye kubona, arerekana abantu bambaye impuzu z’igisirikare bariko bahagendagenda mu gihe urwamo rw’amasasu rwariko rurumvikana. Mu masaha ya kare yo kuri uyu wa gatanu, abarwanya ubutegetsi bafashe igisagara gitoyi ca Katana, kiri ku bilometero 11 uvuye mu gisagara ca Kavumu, aho ikibuga c’indege giherereye.

Amasanamu ya videwo yafashwe n’umunyagihugu aba mu gisagara ca Katana, na yo nyene yerekanye abantu bitwaje ibirwanisho bariko bagendagenda muri ico gisagara. Yatangaje ko abasirikare b’umurwi M23 bariko bazibira ibarabara, kandi bariko batera bagana igisagara ca Kavumu. Yavuze ko bamaze kwigarurira igisagara ca Katana.

Abanyagihugu bandi batatu batangaje ko igisagara ca Kabamba, kiri mu buraruko bw’igisagara ca Katana cafashwe ku musi wa kane. Inyuma y’uko igisagara ca Goma cigaruriwe n’abarwanya ubutegetsi bo mu murwi M23 mu misi mikeye ishize, abari mu myiyerekano barateye ikibanza c’ishirahamwe ONU na za ambasade zirimwo iy’u Rwanda, Ubufaransa na Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Bariko berekana ishavu ku vyo bavuga ko ari ukwivanga kw’amakungu mu bibazo vya Kongo. Abari mu myiyerekano barasambuye bongera barasahura ambasade ya Kenya.

Ikibuga c’indege ca Kavumu ciri mu bilometero hafi 35 uvuye mu murwa mukuru w’intara ya Kivu y’Epfo, Bukabu. Ici gisagara gifashwe vyogira ingaruka zikomeye ku butegetsi bwa Kongo mu karere ko mu buseruko bw’igihugu. Vyoba vyerekanye kandi ko umurwi M23 waguye ibice ugenzura mu buryo bitari bwibonekeze imbere y’aho.

Muri ico gihe, Prezida wa Kongo, Felix Tshisekedi, ariko arondera ko amakungu amufasha guhagarika ingwano n’uruhagarara biri mu gihugu ciwe. Yagiye mu gihugu c’Ubudagi mu nama ku mutekano iriko ibera mu gisagara ca Munich. Ibiro vy’umuuru w’igihugu vyatangaje iyo nkuru kuri uyu wa gatanu ku mbuga ngurukanabumenyi.

Umwe mu bategetsi bo mu biro vy’umukuru w’igihugu yavuze ko Prezida Tshisekedi kuri uyu wa gatanu ku muhingamo, aza kuja i Addis Abeba mu nama y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika izoba kuri uyu wa gatandatu. Ingwano muri Kongo ni yo izoshimikirwako cane mu nama y’imisi ibiri izohabera.

Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi, HCR ryerekanye impungenge ku bintu bitera bimera nabi cane muri Kongo. Iryo shirahamwe ryatangaje ko ingwano muri ico gihugu yatumye abantu bagera ku 350.000 babura aho bakika umusaya. (REUTERS )

XS
SM
MD
LG