Prezida Donald Trump, kuri uyu wa gatatu, yatangaje ko we na Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, bumvikanye mu biganiro bagiranye kuri telefone ku vyerekeye gutangura bidatevye ibiganiro na Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, bigenewe guhagarika intambara imaze hafi imyaka itatu muri ico gihugu.
Prezida Trump yavuze ko azotangura guhamagara Prezida Zelensky wa Ukraine, kugira amucire ku mayange y’ivyo yavuganye na Prezida Putin. Hari Mu butumwa yashize ku rubuga rwiwe, “Truth Social.”Trump yavuze ko ari ibintu azokora mu buryo bwihuta bushoboka.
Prezida Trump yavuze ko yasavye umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Marco Rubio, umuhanuzi wiwe ku vyerekeye umutekano w’igihugu, Michael Maltz, n’umuyobozi w’ibiro bijejewe iperereza vya Amerika, John Ratcliffe, hamwe n’umuhanuzi wiwe adasanzwe, Steve Witkoff, kuyobora ibiganiro abona neza ko bizoba ngirakamaro. Prezida Trump ntiyavuze ku buryo butomoye ivyo Ukraine n’Uburusiya bizosabwa kugira bihagarike intambara hagati yavyo.
Yamara umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika, Pete Hegseth, ari mu Budagi kuri uyu wa gatatu mu nama y’umurwi w’ibihugu bishigikiye Ukraine, yakuyemwo ikintu gikomeye Ukraine isaba, na co kikaba ari kwemererwa mw’ishirahamwe OTAN.
Hegseth yavuze ko Amerika itemera ko kwemerera Ukraine mw’ishirahamwe OTAN, ari ikintu gishobora gushikwako mu biganiro vyohagarika ingwano. (VOANEWS)
Forum