Uko wahagera

Kongo: Igitero c'Abarwanyi ba CODECO Cahitanye Abasivile 35


Bamwe mu barwanyi ba CODECO
Bamwe mu barwanyi ba CODECO

Abarwanyi muri Republika ya demokrasi ya Kongo bishe abasivile barenga 35 mu gitero cabereye mu mihana iri buseruko bw'igihugu. Vyitezwe ko igitigiri c’abapfuye ciyongera mu gihe igikorwa co kurondera ibiziga vyabo kibandanya.

Romeo Bahigwa, umwe mu babonye ivyabaye yashitse ahabereye igitero c’abarwanyi b’umurwi CODECO, kuri uyu wa kabiri mu gitondo, yavuze ko yabonye ibiziga vy’abantu 82.

CODECO ni umwe mu mirwi yitwaje ibirwanisho irwanira amatongo n’amatungo kamere mu buseruko bwa Kongo. Uyo murwi muri kahise wagirijwe n’ishirahamwe ONU ko wakoze ibitero ku banyagihugu barimwo aborozi b’Abahema.

Ishirahamwe ONU ritangaza ko ivyo bitero ari ivyaha vyo mu ntambara n’ivy’agahomerabunwa.

Umunyagihugu yitwa Vianney yatangaje ko abakozweko igitero ari abo mu bwoko bw’Abahema, kandi ko abasirikare ba Reta ya Kongo n’inteko zijejwe gucungera umutekano z’ishirahamwe ONU ziri mu karere igitero cabereyemwo batatabaye.

Umuvugizi w’igisirikare co mu karere igitero cabereyemwo, Jules Ngono, yatangaje ko abasirikare bagerageje gufasha, ko yamara bashitse batevye kugira bahagarike ubwicanyi bukabije bwariko buraba. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG