Uko wahagera

ONU Isaba ko Bazoum Yahoze ari Prezida wa Nijeri Arekurwa Vyihuse


Mohamed Bazoum yahoze ari prezida w'igihugu ca Nijeri
Mohamed Bazoum yahoze ari prezida w'igihugu ca Nijeri

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ryasavye ko Mohamed Bazoum, yahoze ayoboye Nijeri n'umutambukanyi wiwe Hadiza Bazoum barekurwa bidatevye.

Bazoum yakuwe ku butegetsi biciye muri kudeta mu kwezi kw’indwi mu mwaka w’i 2023. Kuva ico gihe, we n’umutambukanyi wiwe ntibashobora kuvugana n’abantu bo hanze. Bamaze umwaka n’igice bapfungiwe ku murwa mukuru wa Nijeri, Niamey. Umuganga wiwe ni we wenyene arekuriwe kubagendera.

Urwego rwa ONU rurwanya gupfungwa mu buryo budaciye mu mategeko, rubona ko ipfungwa rya Bazoum ritubahirije amategeko, kandi birenga ku mategeko mpuzamakungu.

Urwo rwego rusaba ko arekurwa bidatevye hamwe n’umutambukanyi wiwe bakagira n’uburengenzira bwo kurondera gushumbushwa ku karenganyo bakorewe.

Si ubwa mbere ishirahamwe ONU risavye ko Bazoum arekurwa. Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU, Antonio Guterres yari yasavye ko Bazoum arekurwa imbere yaho. Yaranasavye ko asubizwa mu mabanga y’umukuru w’igihugu. Hari inyuma y’uko atawe mu mvuto kw’italiki 26 y’ukwezi kw’indwi, mu mwaka w’i 2023. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG