Uko wahagera

Prezida Tshisekedi Ntiyitabiriye Imbonankubone Inama ya EAC na SADC ku Vya Kongo


I Dar es Salaam muri Tanzaniya hariko harabera inama y’abakuru b’ibihugu vyo mw’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika yo mu buseruko, EAC n’ivyo mu muryango wa Afrika y’Amajepfo, SADC. Ni inama igamije gukemura ikibazo c’intambara n’umutekano wa Kongo.

Perezida wa Kongo Felix Tshisekedi ntiyitabiriye iyo nama imbonankubone: Yayikurikiranye yifashishije ubuhinga bwa Videwo. Prezida w’u Rwanda Paul Kagame we yayitabiriye imbonankubone.

Prezida w’Uburundi Evariste Ndayishimiye ntiyayijemwo. Yarungitse umushikiranganji wa mbere.

Yugurura inama, prezida wa Tanzaniya Samia Suluhu Hassan yasavye impande zitana ba mwana ku kibazo ca Kongo kuja mu biganiro.

Ni ubwa mbere abategetsi ba EAC n’aba SADC bahuriye mu nama imwe ku kibazo ca Kongo.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, yavuze ko iriko ikurikiranira hagufi ivyaha vy’intambara na ndengerabutungane vyoba biriko bikorerwa muri Kongo.

Biri uko mu gihe Amerika nayo igabisha ko ishobora gufatira ibihano abategetsi b’u Rwanda na Kongo. ( REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG