Uko wahagera

Abarenga 55 Bahitanywe n'Igitero c'Abitwaje Ibirwanisho muri Mali


Abantu barenga 55 baraye bahitanywe n’igitero abitwaje ibirwanisho bagavye mu gisagara ca Gao kiri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Mali.

Abitwaje ibirwanisho bagavye ico gitero ku muduga warimwo abanyagihugu, hamwe n’abasirikare bari babaherekeje. Abanyagihugu bo mu karere cabereyemwo, akenshi iyo bafashe ingendo, naho aba ari izo umwanya muto, babwirizwa guherekezwa n’abasirikare kugira bacungere umutekano wabo.

Umutegetsi w’akarere vyabereyemwo yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’abongereza, Reuters, ko ico gitero cakomerekeyemwo kandi abantu benshi. Abakigavye baraturiye n’imiduga myinshi itatangajwe igitigiri, irimwo iy’abasirikare.

Itororokanirizo ry’amakuru y’abongereza, Reuters, ryarondeye igisirikare ca Mali, ariko canse kugira ico kivuga.

Akarere cabereyemwo karagwiriyemwo intagondwa z’abarwanyi biyitirira idini rya Isilamu barimwo ISS na al-Qaida.

Nta murwi n’umwe urigamba ico gitero gishobora kuba cahitanye n’abasirikare benshi ba Reta batatangajwe igitigiri. Eka na Reta nta murwi n’umwe uracegekako. ( Reuters)

Forum

XS
SM
MD
LG