Maroke yaratesheje utwigoro tw'abimukira 78,685 bariko bagerageza gushika ku mugabane w'Ubulaya mu mwaka w'i 2024.
Ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati muri Maroke, kuri uyu wa kane, bwatangaje ko igitigiri c’abiumukira bateshejwe bariko bagerageza gushika ku mugabane w’Ubulaya, mu mwaka urangiye w’i 2024, ciyongeye ku rugero rwa 4.6 kw’ijana umuntu abigereranije n’umwaka w’imbere yaho.
Ubwo bushikiranganji bwavuze ko ivyo bitigiti vyerekana ukwiyongera kw’abantu barondera kuva mu bihugu vyabo kubera ibibazo bitandukanye.
Muri abo bimukira, ibice 58 kw’ijana baturuka mu karere ko muri Afrika yo mu burengero, 12 kw’ijana muri Afrika yo mu buraruko, aho igihugu ca Maroke giherereye, mu gihe 9 kw’ijana baturuka mu karere ko muri Afrika yo burseruko n’iyo hagati.
Imyaka itari mike y’intambara mu karere ka Sahel, ubushomoeri n’ingaruka z’ihindagurika ry’ibihe ku barimyi biri mu mpamvu zituma abimukira barondera kuja ku mugabane w’Ubulaya.
Maroke, n’igihugu kiyegereye ca Espanye kiri mw’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Ubulaya, vyarakomeje ugukorana hagati yavyo mu gikorwa co kurwanya utwigoro tw’abimukira barondera kuja ku mugabane w’Ubulaya.
Maroke imaze igihe ikoreshwa n’abimukira baturutse ku mugabane wa Afrika nk’inzira ikomeye cane yo gushika ku mugabane w’Ubuyala baciye mw’ibahari Mediterane, canke Atlantike. (REUTERS)
Forum