Prezida wa Afrika y'epfo, Cyril Ramaphosa, kuri uyu wa kabiri yavuganye na Elon Musk, umuhanuzi wa Prezida wa Amerika, Donald Trump, ku kibazo c'amakuru atari ay'ukuri avurwa ku gihugu ciwe. Ni inyuma y'uko Prezida Trump agabishije guhagarika imfashanyo Amerika iha Afrika y'epfo.
Ibiro vya Prezida wa Afrika y’epfo, kuri uyu wa kabiri vyangaje ko Prezida Ramaphosa, yasubiye kwibutsa ko igihugu ciwe kigendera ku mategeko, ubutungane hamwe no gufata abanyagihugu bose cokimwe.
Vyatangaje ko Prezida Ramaphosa na Elon Mask, bavuganye kuri uyu wa mbere. Hari umusi umwe inyuma y’uko Prezida wa Amerika, Donald Trump, agabishije guhagarika imfashanyo igihugu ciwe giha Afrika y’epfo, kubera ivyo yavuze ko abarimyi n’aborozi b’abazungu bariko bafatwa nabi muri ico gihugu.
Mu butumwa ku rubuga rwiwe, “Social Truth”, Trump yatangaje ko azohagarika imfashanyo igenewe Afrika y’epfo gushika itohoza ryuzuye ku birego vy’uko ico gihugu kiriko gifata amatongo y’abantu bamwe bamwe, kandi iriko ibafata nabi cane. Trump yavuze ko ari ibigagaragara kuri bose, ihonyangwa rikomeye ry’agateka ka muntu ririko riraba muri Afrika y’epfo. Yamara nta birenga aho yatangaje, canke ngo atange ivyemezo.
Prezida wa Afrika y’epfo, Cyril Ramaphosa, ku musi wa mbere, yarahakanye ko abategetsi b’igihugu ciwe bariko bafata amatongo. Yasiguye ko biteguriye gukorana na reta ya Prezida Trump ku bijanye n’imigambi igenewe gutunganya gushasha ikibazo c’amatongo muri Afrika y’epfo. (CNN)
Forum