Uko wahagera

Uburundi Bwiyamiriza Ibivugwa n'u Rwanda ku Ngabo Zabwo muri Kongo


Reta y’Uburundi iramagana ibitangazwa n’u Rwanda ko ingabo zabwo ziri muri Kongo zifatanya na FDLR mu gukora ihonyabwoko. Mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike basaba ko izo ngabo z’Uburundi zokurwa muri Kongo, mu ntambara iriko irahekura Uburundi.

Mu gitondo co kuri uyu wa kabiri, ari mu biro bikuru vya gisirikare, ahasanzwe hari n’icicaro c’ubwo bushikiranganji, Alain Tribert Mutabazi, umushikiranganji wo kwivuna abansi no gukurikirana abahoze ku rugamba, niho yashikiriza ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu gice ca kabiri c’umwaka wa 2024 ushira uwa 2025.

Mu kiganiro yaciye aha abamenyeshakakuru, Alain Tribert Mutabazi, umushikiranganji wo kwivuna abansi ariyamiriza ivyashikirijwe n’u Rwanda. Ku ngengabitekerezo ya jenoside igisirikare c’Uburundi cagirizwa gishaka gukora kibicishije mu kwifatanya n’imirwi irwanya igihugu c’u Rwanda, nkuko vyaraye bishikirijwe na Olivier Patrick Nduhungirehe, umushikiranganji w’ububanyi n’amahanga w’u Rwanda, Alain Tribert Mutabazi avyamirira kure.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi yongeye gushimangira ivyari vyashikirijwe n’umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi kuwa 16 nzero uyu mwaka ko abasirikare b’abarundi bari kurwana muri Kongo bahagaze neza ku rugamba kandi bari ku kazi kabo ka minsi yose.

Iyo mvugo y’umushikiranganji Mutabazi, irabeshuzwa na bamwe mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike, akorera hanze y’Uburundi. Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCOD, mu matohoza bakoze mu mugambi Ndondeza, avuga ko abasirikare bagwa muri Kongo ari benshi kandi inyungu y’abarundi n’Uburundi itagaragara.

Igenekerezo rya 31 ukwezi kwa mbere uno mwaka, Evariste Ndayishimiye, umukuru w’igihugu c’Uburundi, imbere y’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, yamenyesheje ko ubuseruko bwa Kongo budafise umutekano, akarere ata mutekano kogira.

Mw’itangazo umugambwe MSD, utavuga rumwe na reta washize ahabona kuri uno wa mbere itariki zitatu z’ukwezi kwa kabiri, François Nyamoya, umunyamabanga mukuru, amenyesha ko nimba koko Ndayishimiye, ashaka ko imvugo yiwe ijana n’ingiro yobanza kugarukana amahoro mu Burundi imbere yo kuja muri Kongo.

Muri MSD babona ko ibiganiro bitavangura n’abafashe ibirwanisho kugira bagwanye reta ya Ndayishimiye badasigaye inyuma ariyo nzira yo nyene irama yo kugarukana intwaro ibereye mu Burundi.

Nayo ku basirikare b’abarundi bariko batakariza ubuzima muri iyo ntambara, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi buvuga ko ata kibazo biteye kuko umusirikare wese aramutse aguye ku rugamba canke ahandi hose, hasanzwe hategekanijwe uko imiryango yabo ibimenyeshwa n’uko ifashwa.

Forum

XS
SM
MD
LG