Uko wahagera

Ubushinwa Bwihoye Amerika mu vy'Amatagisi


Prezida w'Ubushinwa kumwe n'uwa Amerika
Prezida w'Ubushinwa kumwe n'uwa Amerika

Ubushinwa kuri uyu wa kabiri bwafashe ingingo yo gutangisha amatagisi ku bidandazwa bituruka muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Hari inyuma y'uko Amerika itangaje amatagisi mashasha ku bidandazwa biturutse mu Bushinwa.

Izo ngingo ku mpande zose zisubiye kuvyura intambara y’ubudandaji hagati y’ibihugu vyompi bikomeye kurusha ibindi kw’isi mu vyerekeye ubutunzi. Ni mu gihe prezida wa Amerika, Donald Trump, yahaye agahengwe ibihugu vya Megisike na Canada.

Ubushikirranganji bujejwe ikigega bw’Ubushinwa bwatangaje amatagisi bwashize ku bidandazwa bitari bike biturutse muri Amerika. Hari mu ntumbero yo gusubiriza mu ndumane Amerika ku ngingo yafashe yo gutangisha amatagisi yo ku rugero rw’ibice 10 kw’ijana, ibidandazwa vyinjiye ku butaka bwayo biturutse mu Bushinwa. Iyo ngingo yagiye mu ngiro kuri uyu wa kabiri, igihe c’isaha zitandatu n’umunuta umwe zo mw’ijoro mu masaha yo mu buseruko bwa Amerika.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zashize matagisi yiyongeye ku yari ahasanzwe ku Bushinwa inyuma y’uko Prezida Trump agabishije akatari gake Ubushinwa ko butariko bukora ibihagije kugira buhagarike ibiyayuramutwe vyinjira ku butaka bwayo, biturutse muri ico gihugu.

Mu kiringo c’imunuta mikeyi inyuma y’uko Amerika ifashe iyo ngingo, ubushikiranganji bujejwe ikigega bw’Ubushinwa bwatangaje ko buzoshira amatagisi yo ku rugero rw’ibice 15 kw’ijana ku bizuku n’umwuka utanga inguvu, bivuye muri Amerika, n’ayo ku rugero rw’ibice 10 kw’ijana ku bitoro bidahinguye, ibikoresho vy’uburimyi hamwe n’ubwoko bw’imodoka bumwe bumwe.

Ayo matagisi mashasha y’Ubushinwa azotangura kuja mu ngiro kw’itariki 10 y’ukwezi kwa kabiri. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG