Buramatari w'intara ya Kivu ya Ruguru muri Kongo, Jenerali Majoro Peter Cirimwami Nkuba, yaguye ku rugamba mu ntambara abarwanyi ba M23 bahanganyemwo n'ingabo za Kongo, FARDC.
Abategetsi ba Kongo bemereye ino nkuru ibimenyeshamakuru mpuzamakungu, birimwo itororokanirizo ry'amakuru y'Abongereza, Reuters, rivuga ko Jenerali Majoro Peter Cirimwami Nkuba, yahitanywe n’amasasu y’abarwanyi ba M23, bamurashe ari ku rubuga aho intambara iriko irabera.
Reuters ivuga ko yabonye kandi icegeranyo ca ONU cemeza urupfu rw’uwu mutegetsi wo ku rwego rwo hejuru aguye ku rugamba muri Kongo. Iki cegeranyo ku bwa Reuters kivuga ko “ Yoba yacikaniye mu ndege yari imujanye I Goma kugira aje kuvurizwayo.”
Reuters iti: “ Yarasiwe ku birometero 20 vy’igisagara ca Goma, aho yari yagiye gutera intege ingabo ziwe, no kuraba uko zigenza ku rugamba. Reta ya Kongo ntiremeza ivy’urupfu rwa Jenerali Majoro Peter Cirimwami Nkuba, yatwara Kivu ya Ruguru kuva mu 2023.
Urunani, Alliance Fleuve Congo (AFC), ruhurikiyemwo imirwi irwanya ubutegetsi bwa Kongo, rwavuze ko ruhemuka ari uko rwigaruriye igisagara ca Goma. Biri uko mu gihe ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ryagabishije ko intambara ya Kongo “ ibangamiye abasivile”, ishobora kuvyara intambara mu karere kose Kongo irimwo muri rusangi. Ku rundi ruhande, ishami rya ONU ryitaho impunzi, HCR, naryo ryavuze ko abahunga biyongereye cane kuva mu ndwi iheze.
Mu bisagara M23 yigaruriye vuba, harimwo icitwa Minova. Mu gihe reta ya Kongo ivuga ko yashoboye gusubiza inyuma abarwanyi ba M23, ibabuza gutera intambwe begera igisagara ca Sake kiri ku birometero 20 vy’uburengero bwa Goma, ONU yasohoye itangazo ritera ivyatsi ico yise “ Ukwigarurira igisagara ca Sake, bije gushira mu kaga igisagara ca Goma.”
Amwe mu masoko y’itororokanirizo ry’amakuru y’Abongereza, Reuters, atashimye ko amajwi yayo atangazwa, yavuze ko igisagara ca Sake ciriwemwo intambara ikaze.
Ishami rya ONU ryitaho impunzi, HCR, ribandanya kuvuga ko ibisasu vya bombe vyiriwe biravuga, vyatumye hari imiryango yari yahungiye mu micungararo y’igisagara ca Goma, yimukira hagati muri ico gisagara. Umuvugize wa HCR I Geneve mu Busuwisi, yagize ati: “ Benshi muri bo, baraye ku mabarabara.”
M23 ubwa nyuma yigarurira igisagara ca Goma hari mu 2012. Ico gihe, ku bwa Reuters, ugereranije n’ubu, M23 ntiyigeze ishobora gufata ibisagara vyinshi nk’ivyo iriko ifata ubu.
Hagati aho, ubuserukizi bwa Amerika, Ubufaransa n’Ubwongereza muri Kongo bwasavye abanyagihugu b’ivyo bihugu kwihutira kuva I Goma. Ubutumwa barungikiwe bukaba buri no ku mbuga ngurukanabumenyi z’ubwo buserukizi, bubasaba kubikora “ Imbibe n’ibibuga vy’indege bicuguruye.”
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Kongo n’ayandi makungu muri Kongo nawe, yavuze ko yasavye inama yihuta y’akanama ka ONU kajejwe umutekano. ( REUTERS, AFP)
Forum