Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, ku musi wa kabiri w'iyi ndwi, yatangaje ko ashobora kuzofatira ibihano Uburusiya prezida w'ico gihugu, Vladimir Putin, niyanka kuganira ku vyerekeye guhagarika ingwano muri Ukraine.
Nta birenga aho prezida Donald Trump, yatangaje ku bindi bihano bishobora gufatirwa Uburusiya. Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziza yarafatiye ibihano bikomeye Uburusiya kubera ingingo y’ico gihugu yo gutera Ukraine mu kwezi kwa kabiri mu mwaka w’i 2022. Trump yavuze ko reta yiwe iriko irihweza kandi ikibazo cerekeye kurungikira ibirwanisho Ukraine. Yasiguye ko uko abona ibintu ari uko ishirahamwe ry’ubumwe bw’Ubulaya ryotegerezwa kuba rikora kurushiriza ku vyerekeye gushigikira Ukraine.
Prezida Donald Trump yavuze ko bariko baravugana na Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, kandi ko bazovugana na Prezida Putin vuba cane. Trump yatangaje ko yaremereye Prezida w’Ubushinwa, Xi Jinping, kugira ahagarike ingwano muri Ukraine. Hari mu kiganiro bagiranye kuri telefone ku musi wa gatanu w'indwi iheze. Yatangaje ko Xi Jinping atakoze ibihagije kuri ico kibazo, ngo arafise ububasha bukomeye cane nk’uko Amerika ifise ububasha bukomeye cane. Trump yavuze ko yabwiye Xi Jinping ko yotegerezwa gukora uko ashoboye kugira ingwano ihagarare muri Ukraine. Yasiguye ko bobiganiye. (VONEWS)
Forum