Uko wahagera

Nijeriya: ONU Iriko Irondera Imiliyoni $ 910 Agenewe Gufasha Abanyagihugu


Umunyagihugu wasenyewe n'imvura y'isegenya aho acumbitse mu ihema ariko ategura ibifungurwa hanze yaryo
Umunyagihugu wasenyewe n'imvura y'isegenya aho acumbitse mu ihema ariko ategura ibifungurwa hanze yaryo

Akarere ko mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya karageramiwe n’umugumuko w’abarwanyi b’abayislamu kuva mu mwaka w’i 2009.

Ako karere karasinzikaijwe kandi n’imyuzure y’amazi yatewe n’imvura y’isegenya mu mwaka urangiye. Inzandiko z’ishirahamwe ONU, itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, ryabonye, zerekana ko abantu imiliyoni 7 n’ibihumbi 800 bakeneye imfashanyo mu mareta atatu yo mu buraruko

bushira ubuseruko bwa Nijeriya. Nayo ni Adamawa, Borno na Yobe. Ishirahamwe ONU rifise imigambi yo gufasha abantu imiliyoni 3 n’ibihumbi 600 muri bo.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryari ryatangaje imbere y’aho ko akarere ko mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya gashobora kwibagirwa mu gihe ibikorwa vyo gutabara bishimikiye mu bindi bice vyo kw’isi nka Ukraine, Gaza na Sudani.

Icegeranyo Reta ya Nijeriya n’ishirahamwe ONU vyasohoreye hamwe mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka urangiye w’i 2024, cerekanye ko Nijeriya ihanganye n’ikibazo gikomeye cane c’inzara kitari bwibonekeze imbere yaho.

Vyitezwe ko abantu barenga imiliyoni 30 bageramirwa n’inzara muri uyu mwaka. Imigambi ya prezida wa Nijeriya, Bola Tinubu, yo gutunganya gushasha ivyerekeye ubutunzi mu gihugu, ibonwa ko ari yo yatumye ubutunzi buyanzara kurushiriza mu gihugu. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG