Zimbabwe ifise ubwoba ko ingingo ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika yo kuva mw'ishami ry'ishirahamwe ONU ryita ku magara y'abantu. kw'isi, OMS, izogeramira bikomeye imigambi igenewe kurwanya ikiza ca sida.
Umushikiranganji ajejwe ikigega ca reta muri Zimbabwe, Mhtuli Ncube, kuri uyu wa gatatu, yagabishije ko ukuva kwa Amerika mw’ishirahamwe OMS, bishobora kugabanya imfashanyo yerekeye ubuvuzi ihabwa ibihugu nka Zimbabwe gihanganye n’ikiza ca sida bizokikirako ingaruka.
Umushikiranganji Mthuli Ncube yabivuze mu nama ku butunzi kw’isi iriko ibera mu gisagara ca Davos mu gihugu c’Ubuswise. Zimbabwe yaronse amafaranga arenga imiliyoni 200 y’amadolari ku mwaka ihawe na Amerika biciye mu mugambi PEPFAR, ugenewe kurwanya ikiza ca sida.
Reta ya Amerika yahaye Zimbabwe amafaranga arenga umuliyaridi n’imiliyoni 700 y’amadolari kuva mu mwaka w’i 2006, agenewe gukomeza igisata c’ubuvuzi, hamwe no gufasha abanyagihugu bagendana umugera wa sida. Ibi vyemezwa na ambasade ya Amerika i Harare.
Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yarateye igikumu kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu ryerekeye ukuva kwa Amerika mw’ishirahamwe OMS. Hari inyuma y’uko arahiye mu kiringo ca kabiri co kuyobora Amerika, kuri uyu wa mbere.
Forum