Liyetena Jenerali Herzi Halevi, umutegetsi mukuru w'igisirikare ca Israyeri, kuri uyu wa kabiri, yatanze imihoho. Yasiguye mu gufata iyo ngingo ko Israyeri yananiwe kwubahiriza umutekano w'abanyagihugu igihe umurwi Hamas wakoze igitero ku butaka bwa Israyeri kw'italiki 7 y'ukwezi kw'icumi mu mwaka w'i 2023.
Liyetena Jenerali Herzi Halevi, ni we umutegetsi akomeye cane w’igihugu ca Israyeri atanze imihoho bifatiye ku makosa yakozwe ku bijanye n’umutekano w’abanyagihugu yatumye umurwi Hamas ukora igitero ku butaka bwa Israyeri kw’italiki 7 y’ukwezi kw’icumi mu mwaka w’i 2023.
Kuri iyo yaliki, abarwanyi ibihumbi n’ibihumbi b’umurwi Hamas barakoze igitero ku butaka bwa Israyeri cahitanye abantu barenga 1,200, benshi muribo abasivile. Abandi 250 baranyurujwe. Abarenga 90 baracari mu minwe y’umurwi Hamas mu ntara ya Gaza. Ica gatatu muribo babonwa ko bapfuye.
Ugutanga imihoho kw’umukuru w’ingabo za Israyeri, Liyetena Jenerali, Herzi Halevi, kubaye imisi mikeyi inyuma y’uko y’amasazerano y’agahengwe hagati ya Israyeri n’umurwi Hamas ashitsweko.
Ayo masezerano ashobora gutuma ingwano ihagarara, abakigizwe imbohe bakarekurwa. Halevi, yasa n’uwutumvikana n’umushikiranganji mushasha ajejwe kwivuna abansi, Israel Katz, ku kugene ingwano muri Gaza yariko igenda. Halevi yatangaje ko Israyeri yashitse ku migambi nka yose yari yishinze muri iyo ntara, mu gihe Katz yashigikiye ukwiyemeza kw’umushikiranganji wa mbere, Benjamin Netanyahu, ku vyerekeye kubandanya kurwana gushika ku ntsinzi ya nyuma murwi Hamas. (AP)
Forum