Uko wahagera

Ku Ncuro ya Mbere Ibirori vyo Kurahiza Prezida wa Amerika Vyitabiriwe n'Abategetsi b'Ibindi Bihugu


Prezida wa Amerika ariko ararahira
Prezida wa Amerika ariko ararahira

Ku ncuro ya mbere mu mateka ya Amerika, prezida yatowe yaratumiye abategetsi b’ibindi bihugu mu birori vyo guhanahana ubutegetsi hagati y’uwa tsinze amatora, n’uwari ku butegetsi.

Ubushinwa buhanganye n’Amerika mu vy’ubutunzi buhagarariwe na visi prezida wabwo Han Zheng. Ukuba Ubushinwa bwarungitse umutegetsi wo ku rwego rwo hejuru mu birori vy’uno munsi ntibisanzwe. Abahinga bavuga ko uguhiganwa mu vy’ubutunzi hagati y’Ubushinwa na Amerika gushobora kwiyongera ku ntwaro ya Donald Trump. Benshi mu bagiye kuja muri reta ya Trump, akenshi bumvikanye bita Ubushinwa “Umukeba ateye amakenga.”

Nka Marco Rubio, yagenwe kuzoba umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu yigeze kugira ati: “Ubushinwa ni mukeba wacu akomeye, ateye amakenga kandi tubangabanganywe muri vyinshi. Amerika ntiyigeze igira mukeba nk’uyu mu mateka yayo.”

Ikindi, Trump yavuze ko azoduza amatagisi ku bitandukanye biza biva mu Bushinwa. Ku wa gatanu w’indwi iheze ariko, yakoranye ikiganiro co kuri terefone na prezida w’Ubushinwa, baganira ku ngingo zitandukanye zirimwo ivy’ayo matagisi, ivy’ubudandaji hamwe n’iyugarwa ry’urubuga rw’isosiyete yo mu Bushinwa TikTok. Uno munsi mw’ijoro, urwo rubuga rwongeye gukora inyuma yaho reta ya Biden yari yarwugaye. Iki kiganiro, Trump yavuze ko “cari ciza cane.”

Prezida wa Arijantine, Javier Milei, nawe nyene ari ngaha I Washington DC, mu birori vyo kurahiza Trump. Uyu, yaje imbere mu bategetsi bahuye na Trump inyuma y’intsinzi yiwe yo kw’igenekerezo rya gatanu z’ukwezi kwa cumi na rimwe. Yarishikiye ku muhana wa Trump witwa Mar-a-Lago uri muri reta ya Florida agiye kumukeza, yongera yitabira ibirori vyo kwigina intsinzi yiwe ejo ku wa gatandatu. Yabonetse ahoberana n’incuti magara ya Trump yitwa Vivek Ramaswamy, azoba ari mu burongozi bw’ikigo gishasha kigenzura imikorere ya reta citwa, DOGE. Vivek Ramaswamy yise Prezida wa Arijantine icitegererezo ciza.

Umutunzi karuhariwe Elon Musk akaba incuti magara ya Donald Trump n’uwugiye gutwara ikigo DOGE, nawe nyene yarashimagije cane prezida wa Arijantine yise intwari kubera ukuba yarashoboye gushiraho ingingo zirukana abakozi ba reta y’igihugu ciwe baharurwa mu bihumbi n’ibihumbagaza, akavanaho imigambi isubiramwo inyubakwa zitandukanye n’amabarabara, akongera akagabanya uburyo abagiye mu kiruhuko c’izabukuru bahabwa muri ico gihugu.

Milei yizeye ko ku ntwaro nshasha ya Trump, imigenderanire y’Amerika na Argentine izotera imbere cane, Argentine igashobora kuronka uburyo yiteze mu kigega mpuzamakungu c’ubutunzi, FMI, gifise icicaro aha I Washington, DC.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubutariyano Giorgia Meloni, nawe nyene yitabiriye ibirori vy’irahira rya Trump nka prezida wa 47 wa Amerika. Madamu Meloni yari asanzwe afitaniye imigenderanire myiza n’ubutegetsi bwa Joe Biden, ariko vyitezwe ko ubucuti bwa reta yiwe n’iy’Amerika buzorushirizaho gukomera ku ntwaro ya Trump. Amerika ifata Meloni nk’igitarurwa gikomeye c’ubucuti bwa Amerika n’umugabane wa Buraya.

Salome Zourabichvili yahoze ku butegetsi mu gihugu ca Georgiya, nawe nyene ari mu bitabiriye ibirori vy’uno munsi. Yatumiwe na Joe Wilson, umukenguzamateka w’umurepublikane. Naho mu kwezi guheze Mikheil Kavelashvili wo mu mugambwe ufatwea nk’uwuri mu kwaha k’Uburusiya yimitswe nka prezida w’ico gihugu, Salome Zourabichvili avuga ko ari we agitegeka Georgia. Yabwiye tereviziyo Nyamerika Fox News ati: “Georgia irashobora kuja mu murwi w’ivyo Amerika yishimira, canke igateza ikibazo Amerika mu karere igihugu cacu kirimwo. Uburusiya bubandanya gushaka kuyifatira.”
Prezida wa Ekwateri, Daniel Noboa n’uwa Paraguay Santiago Peña nabo nyene bitabiriye ibirori vyo kurahira kwa Trump.

Tayiwane yarungitse umukuru w’inama nshingamateka wayo, Han Kuo-yu n’izindi ntumwa z’ico gihugu 7. Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’ico gihugu n’ayandi makungu, yavuze yamara ko kubera ibirori vyo kurahiza Trump vyimuriwe mu cumba c’ingoro y’inama nshingamateka na nkenguzamateka, abategetsi bayo bataza gushobora kubikurikirana imbonankubone.

Itororokanirizo ry’amakuru ya reta muri Tayiwane, ico bikoze ryavuze ko abategetsi b’ico gihugu baza guhura na bamwe mu banyepolitike b’Amerika, hamwe n’abigisha bo kuri za kaminuza, mu ntumbero yo kuraba ingene imigenderanire ya Tayiwane n’Amerika itera imbere. Ntibiramenyekana niba Trump azobaha umubonano.

Mu kiganiro ca terefone Trump yagiranye na prezida w’Ubushinwa Xi Jiping ku wa gatanu, Xi yamusavye kwitondera ivy’Ubushinwa na Tayiwane agira ati:" Ni ikibazo c’ubwigenge bw’Ubushinwa.” Ubushinwa bufata Tayiwane nkaho ibwegukira. Buvuga ko bibaye ngombwa, bwokoresha n’inguvu kugira ifatane nabwo.

Prezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron, ari mu batitabiriye ibirori vyo kurahira kwa Donald Trump. Abari mu mugambwe utari ku butegegetsi mu Bufaransa bo baje. Trump na Macron bari bahuye mu kwezi guheze, hugururwa katedrari yitiriwe Notre Dame I Paris.

Mu mateka ya Amerika, nta na rimwe umutegetsi w’ikindi gihugu yari bwitabire ibirori vyo kurahiza prezida wavyo. Bamwe mu bategegetsi batumiwe, bashitse I Washington DC mu mpera z’indwi iheze: Giorgia Meloni w’Ubutariyano na Santiago Peña wa Paraguay bari abashitsi b’iteka mu birori vyo ku wa gatandatu vyo kwigina intsinzi ya Trump vyitwa Inaugural Ball.

Bamwe mu bazoba bari mu mabanga akomeye ku butegetsi bwa Trump, bari muri ivyo birori. Aba, barimwo Umukenguzamateka Marco Rubio, agiye kuramutswa ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu, Robert F. Kennedy Jr azotwara ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, n’abandi n’abandi.

Forum

XS
SM
MD
LG