Donald Trump uno munsi ku wa mbere arimikwa nka prezida wa 47 wa Amerika. Agarutse ku butegetsi inyuma y’imyaka ine ya manda imwe yiwe ya mbere yari yatanguye itariki 20 z’ukwa mbere ko mu 2017, ihera itariki 20 z’ukwa mbere ko mu 2021.
Abaye umuprezida wa mbere atwaye manda zibiri zidakurikirana muri Amerika kuva mu 1890. Abamubanjirije bandi inyuma y’uyo mwaka, baza baratwara imyaka 8 y’ikurikiranya.
Donald Trump w’imyaka 78, ikindi yisangije, ni uko abaye umu prezida wa mbere agiye gutegeka Amerika kandi yaragiriwe n’ivyaha. Mu mwaka uheze, yagiriwe n’ivyaha 34, birimwo amanyanga mu vy’ubutunzi no kuba yaratanze igifukamunwa c’amahera agera ku bihumbi 130 vy’amadorari ayaha uwitwa Stormy Daniels, akina amareresi “y’ibiterasoni.”
Ku rundi ruhande, Prezida Joe Biden w’imyaka 82 nawe aza gutanga ubutegetsi uno munsi ku wa mbere, inyuma ya manda yiwe imwe rudende, yamazeko imyaka ine.
Abanyamerika baza gukurikirana ibirori vy’uno munsi biciye kuri tereviziyo, baharurwa mu ma miriyoni n’ama miriyoni. Ntibiza kubera ku rubaraza rw’ingoro y’inama nkenguzamateka na nshingamateka nkuko vyahora kubera imbeho nyinshi; biza kubera mu cumba c’ingoro y’inama nkenguzamateka na nshingamateka citwa Rotunda. Abaza kuba bari muri ico cumba bagera ku 600. Ubundi iyo bibereye hanze ababikurikira bahora bagera ku bihumbi 250.
Izindi mpinduka ziza kuranga uno munsi, ni urugendo umu prezida wa Amerika amaze kurahira yahora akorera kw’ibarabara ryitwa Pennsylvania Avenue, riva ahakorera inama nshingamateka rikagera ahari ingoro y’umukuru w’igihugu, White House.
Kubera imbeho nyinshi, uru rugendo rwarangwa n’ibitandukanye birimwo kuramutsa abanyagihugu baba bari ku mpande zose z’iryo barabara ntiruza kuba kubera imbeho nyinshi. Trump, umutambukanyi wiwe Melania na bamwe mu bazoba bagize reta nshasha, urwo rugendo baza kurukorera muri stade yitwa Capitol one Arena. Vyitezwe ko izoba irimwo abantu ibihumbi 20.
Hagati aho, Donald Trump yaraye yemeye ko guhera uno munsi ku wa mbere, aza kwihutisha abishizemwo inguvu zose n’ishaka, ico yise ugukemura ibibazo vyose “ biri mu gihugu.”
Yabwiye abayoboke biwe bahuriye I Washington DC ejo ku wa Mungu ati: “ Bitarenze sa sita z’umutaga, irido ryari rimaze imyaka ine miremire rirakoroka, hama dutangure amateka mashasha azorangwa n’inguvu hamwe no gutera imbere kw’Amerika.”
Vyitezwe ko uno munsi nyene, nkuko yavyemeye arara asinye amategeko mashasha arimwo ayavuguruza ayashizweho na Joe Biden. Amwe mu yo vyitezwe ko aherako, arimwo ukwirukana abimukira binjiye ku butaka bwa Amerika baciye mu nzira zinyuranye n’amategeko no kudugiriza amatagisi ibitandukanye biva mu bihugu va Canada, Ubushinwa na Megizike.
Vyitezwe kandi ko aza guha ikigongwe abayoboke biwe bagera ku 1500, bapfunzwe bazira gutera ingoro y’inama nshingamateka na nkenguzamateka, kugira baburizemwo ibikorwa vyo kwemeza intsinzi ya Joe Biden, igenekerezo rya 6 z’ukwezi kwa mbere mu 2021. Trump yita abahagaritswe “intwari z’igihugu zipfungiwe ubusa”.
Ikindi Trump yari yaremeye gukora agishika nku butegetsi, ni kurangiza intambara ya Ukraine n’Uburusiya. Bamwe mu bahanuzi biwe yamara baheruka kuvuga ko kuyirangiza kuri uno wa mbere nkuko yari yaravyemeye bitaza gukunda, ariko ishobora guhera mu minsi 100 ya mbere y’ubutegetsi bwiwe. Ni kuvuga mu mpera z’ukwezi kwa kane.
Ibindi bisata vyitezweko impinduka zihuta, birimwo igisata c’abihinduza ibitsina. Trump avuga akarorero ko guhera uno munsi ku wa mbere, abagabo bihinduje ibitsina kugira bamere nk’abagore, batazosubira kuronka uburenganzira bwo kuja mu mahiganwa ya siporo y’abagore. Agira ati: “ Nzokumira burundu abagabo muri siporo z’abagore. Ibi, nzobikora umunsi wa mbere nkimara gufata ubutegetsi. Sinzobitevya. Uwo munsi nyene.”
Mu Masaha Make Trump Aragaruka ku Butegetsi bwa Amerika

Forum