Uko wahagera

Ku Ncuro ya Mbere mu Mateka Umutegetsi w'Ubushinwa Azokwitabira Irahira rya Prezida wa Amerika


Ingoro Donald Trump azorahiriramwo
Ingoro Donald Trump azorahiriramwo

Donald Trump yaraye ahinduye ahazobera ibirori vyose vyo kumwimika nka prezida wa Amerika agira 47. Hakubera ku rubaraza rw’ingoro ikoreramwo inama nshingamateka nkuko vyahora bigenda, bizobera mu cumba kinini c’iyo ngoro citwa Rotunda, kubera imbeho azoba ari nyinshi cane.

Bitegekanijwe ko ku munsi w’iyimikwa rya Trump, I Washington DC hazoba hakanye kugeza kuri dogere seliziyusi 11 munsi ya zero. Ni ukuvuga ko ahantu hose hanze hari amazi, azoba yabaye « barafu » ku buryo umuduga uyiciyeko, idashobora kumeneka. Iyo mbeho izura inzara izoba ivanze n'imiyaga myinshi. Imbeho nk’iyi, yaheruka kuvurwa ku murwa mukuru wa Amerika, Washington, DC, haraheze imyaka 40.

Mu butumwa Donald Trump yacishije ku rubuga rwiwe Truth Social, yavuze ko yategetse ko ibirori vyo kumwimika bibera indani y’ingoro ikoreramwo inama nshingamateka hakubera imbere yayo, mu ntumbero yo gukingira abategekanya ku vyitabira.

Yumvikanishije ko ukwimura ibirori vyose vyo kumwimika ataco bizohindura agira ati: “ Nategetse ko imigirwa yose yo kunyimika, irimwo ijambo nzovuga, amajambo azovugwa n’abandi, eka n’ibisabisho vyose bizobera mu cumba ca Rotunda. Abategetsi batandukanye bazoba batumiwe n'abategegetsi ba Amerika, bazoba bafise uburenganzira bwo kwinjira muri iyo ngoro. Azoba ari ibintu vyiza cane, cane cane ku bazobikurikira ku ma tereviziyo."

Donald Trump yavuze ko sitade nini yitwa Capital One Arena izoba yuguruye kubashaka kuja kurabira hamwe ibirori vyo kumwika yise ivy’amateka. Yagize ati: “ Defire yitiriwe perezida izobera muri iyo stade. Mpejeje kurahira, nanje nzoca nza gusanga ibihumbi n’ibihumbagiza bizoba biri muri iyo stade. Ukwigina intsinzi yanje bizobera muri iyo sitade ku wa Mungu sa cenda nkuko vyari vyategekanijwe. Imiryango izoba yuguruye guhera sa indwi. Ndabasavye muzozinduke cane!”

Polisi ijejwe gucungera ahakorera inama nshingamatake na nkenguzamateka vy’Amerika, yavuze ko uruhande rwo hanze rw’iyo stade ruzoba rwugaye kubera imbeho. Abazokwemererwa kwinjira ni abaguze amatike y’imbere muri stade.

Umurwi ujejwe gutegura ivyo kurahira kwa Trump mu nama nshingamateka, wavuze ko ukuba ibirori vyimuriwe aho vyari bitegekanijwe kubera, bizotuma abatumire benshi bari batumiwe badashobora kuvyitabira.

Ibirori vyo kwimika prezida wa Amerika vyaheruka kubera indani y’ingoro ikoreramwo inama nshingamateka kw’iyimikwa rya Prezida Ronald Reagan mu 1985.

Ingingo y’uko ivy’uno mwaka vyimuwe, yatangajwe inyuma y’umwanya muto Ubushinwa buvuze ko muri ivyo birori buzoserukirwa na visi prezida wabwo Han Zheng. Ni ubwa mbere mu mateka y’Amerika umutegetsi w’Ubushinwa yitabiriye ibirori vy’iyimikwa rya prezida. (VOA NEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG