Uko wahagera

Umuhango wo Kurahiza Trump Uzobera Imbere mu Ngoro ya Capitol


Aha ni imbere mu ngoro ya Capitol
Aha ni imbere mu ngoro ya Capitol

Donald Trump yatowe nka prezida wa 47 wa Amerika yavuze ko ibirori vyo kumwimika nka prezida wa 47 bitakibereye hanze y'ingoro ikoreramwo inama nshingamateka na nkenguzamateka, nkuko vyahora bigenda.

Ku rubuga rwiwe Truth Social, Trump yavuze ko bizobera mu cumba c'iyo ngoro citwa Rotunda, kubera imbeho azoba ari nyinshi cane. Ubutumwa bwiwe bumenyesha ino ngingo bugira buti:" Yaba umuhango wo kurahira ubwawo, yaba ibisabisho eka n'ayandi majambo yose, vyose bizobera imbere mu ngoro ya Capitol, nkuko vyagenze mu 1985, Ronald Reagan yimikwa.

Abategetsi batandukanye bazoba batumiwe n'abategegetsi ba Ameerika, bazoba bafise uburenganzira bwo kwinjira muri iyo ngoro. Azoba ari ibintu vyiza cane cane ku bazobikurikira ku matereviziyo."

Forum

XS
SM
MD
LG